Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Misiri: IS yemeye ko ariyo yishe abakristu
Misiri: IS yemeye ko ariyo yishe abakristu
dimanche 28 Rusama 2017
Muri ico gitero cabaye kuwa gatanu igenekerezo rya 26 Rusama,umwaka wa 2017,hitavye Imana abantu 28, mu gihe abitwaje inkoho barasa imodoka yo mu bwoko bwa bus yari ibatwaye mu kigo kimwe c’abihebeye Imana.
Ku munsi wa gatandatu,igenekerezo rya 27 Rusama,umwaka wa 2017,bamwe mu babuze ababo muri ico gitero bari bagiye ku maziko ,abandi bagandariye ababo bishwe.
Mu ntumbero yo kwihora,igisirikare ca Misiri caragize igitero kw’ikambi y’abarwanyi b’umurwi wa Reta ishingiye ku mategeko ya Islam iri mu gihugu ca Libiya.
Umurwi wa Reta ishingiye ku mategeko y’idini rya Islam uramaze kwemera ko wagize ibitero mu gihugu ca Misiri haraheze amezi makeya.
Messages
29 Rusama 2017, 21:06, par Jack Hupa
Aboba Isilam Mubaveko,sibobabishe Bishwenareta Yamisili
1er Ruheshi 2017, 07:15, par Elias Mpozamarira
Turahojeje imiryango yabuze ababo mwicogitero cabobabisha!,
nayuwo avuga yuko atarabi Isilam bitagodwa babishe, nimba yasomye ayamakuru ya mbaye amafime kumaso. Benekubica biyemereye kwaribo babishe, none avugagute kwarireta ya Misiri yabishe gute?, ivyo intagodwa za Isalam ziriko zirakora kwisi birazwi.Dufise abagenzi beshi bahekuwe nizo ntagodwa, mwiyidwi muri siliya umuryango wa Ayesha, na Mohammad bawugandaguye wose izontagodwa za Isalam, nimbahevye nahimbe neza.