Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Misiri : Igihugu ca Misiri cagiraniye amasezerano yo mw’ibanga na (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu makungu > Misiri : Igihugu ca Misiri cagiraniye amasezerano yo mw’ibanga na (...)

Misiri : Igihugu ca Misiri cagiraniye amasezerano yo mw’ibanga na Isirayeri

lundi 5 février 2018

Ico kinyamakuru kimenyesha ko igihugu ca Misiri casavye Isirayeri kugifasha guhasha abarwanyi biyitirira Reta ya Kisiramu ,ubu bimenyeshwa ko hamaze gukorwa ibitero 100.

Amakuru atangwa n’ico kinyamakuru amenyesha ko Isirayeri mu gukora ivyo bitero gikoresha indege zitagira abadereva,kajugujugu hamwe n’izindi ndege z’intambara ariko izo zose akaba atabendera zifise zerekana igihugu ca Isirayeri.

Haaretz kibandanya kivuga ko indege za Isirayeri zigaba ibitero nk’izivuye mu buraruko bwa Misiri kuko kizira kikaziririrwa kw’indege z’igihugu ca Isirayeri zigaba ibitero zivuye muri Isirayeri.

Ubu nta mumenyeshamakuru n’umwe yemerewe gushika mu gace ka Sinayi mu ntumbero ko ayo masezerano yo mw’ibanga yoshirwa ahabona.

Kuva mu mwaka w’i 1979 hasinywe amasezerano hagati ya Misiri na Isirayeri nta musirikare n’umwe yarangwa mu gace ka Sinayi, ariko igihugu ca Misiri cabwirije gusaba imfashanyo, kuko abarwanyi biyitirira Reta ya Kisiramu bamaze kwigarurira ako gace.


BIKORIMANA Vianney

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.