Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Miss Ange Bernice INGABIRE arashima akaryo yaronse naho yatsinzwe - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > Miss Ange Bernice INGABIRE arashima akaryo yaronse naho yatsinzwe

Miss Ange Bernice INGABIRE arashima akaryo yaronse naho yatsinzwe

lundi 4 Nyakanga 2017

Mw’ihiganwa rya Miss Africa 2017, Uburundi bwari bwaserukiwe na Miss Ange Bernice INGABIRE yatowe mu mwaka w’i 2016. Ihiganwa rirangiye, Miss Ange Bernice yashikirije ko ahimbawe n’uko yaserukiye Uburundi m’ihiganwa nk’iryo.

Ange Bernice ati:" Ni iteka n’ivyishimo kuri jewe guserukira igihugu muri Miss Africa 2017." Arongera ati:" Ntaco ntakoze kugira nshikane igihugu canje kure, nahakuye vyinshi kandi ndanezerewe ko nashoboye gushika muri icumi ba mbere".

Uwo mwigeme nyene yaciye akeza Miss Asmaou Diallo wo mu gihugu ca Guinee wewe yatsindiye ihiganwa. Ati:" Ndanezerewe nawe mugenzi, ter’imbere kandi ndizera y’uko uzoduserukira vy’ukuri."

Tubibutse ko ihiganwa rya Miss Africa Miss Ange Bernice INGABIRE yitavye ryabereye mu gisagara Johanesburg muri Africa y’Epfo.

Amatora yo muri iryo higanwa ntiyari yoroshe kuko ijwi rimwe ryagurwa ama Dorari 0,25 (0,25$), amajwi ane nayo agurwa idorare rimwe, amajwi 45 agurwa amadorare 10, nayo amajwi 2,775 akagurwa amadorare amajana atanu (500$).


Cherif NKESHIMANA

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.