Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Miss Kenya yitavye Imana
Miss Kenya yitavye Imana
mardi 31 Nzero 2017, par
Umwigeme Mercy Mokeira yabaye Miss World Kenya muri Nyamira ahahoze ari intara ya Nyanza muri Kenya yitavye Imana mu mpera z’indwi iheze, inyuma y’iminsi icumi yari amaze mu bitaro.
Miss Mercy Mokeira yari afise imyaka 23, ikinyamakuru Daily Nation kikaba catangaje ko yaguye mu bitaro vya North Kinangop Hospital, aho yari amaze indwi zibiri avurwa ingwara itaramenyekana.
- Miss Mercy Mokeira
Josphat Momanyi, umuvyeyi wa Miss Mercy Mokeira yagize ati : “Yatanguye atabaza avuga ko aribwa imitsi ariko ibipimo vya mbere ntaco vyerekanye ku burwayi yari afise. Inyuma twamukoreye ibindi bipimo, ariko yapfuye tutaramenya ico yari arwaye.”
Miss Mokeira yari mu banyeshure bariko bitegurira guhabwa impamyabushobozi muri Kenyatta University. Yari mu mwaka wa nyuma wa kaminuza, aho yiga mu gisata c’amategeko.
Mu mwaka uheze, Miss Mokeira yagizwe umunyamideri w’umwaka mu bagore [Female Model of the Year] mu bushimwe bwa Pwani Awards.
IGIHE
Messages
31 Nzero 2017, 18:28, par Warumonge
Icumugabokoran,icokimukora Vyabayobeyen,ishidantabindi
2 Ruhuhuma 2017, 11:44, par Nahimana
Ntukavuge nabi nawe nejo