Accueil > Amakuru > Poritike > Mkapa : "Uko ibintu vyifashe ntibihumuriza kugira ibwirizwa nshingiro (...)
Mkapa : "Uko ibintu vyifashe ntibihumuriza kugira ibwirizwa nshingiro rihinyanyurwe"
dimanche 19 Ruhuhuma 2017
Umufasha w’umuhuza mu biganiro bihuza abarundi Benjamin William Mkapa amenyesha ko uko ibintu vyifashe mu Burundi bidahumuriza kugira ibwirizwa nshingiro rihinyanyurwe canke hategurwe amatora yo kwemeza canke guhana ibwirizwa nshingiro.
Benjamin Mkapa yavuze ko mu gihugu c’Uburundi hakiri ubwoba kandi ko hari umutekano muke, vyotuma mu gihe ibwirizwa nshingiro ryohinduka bishobora kuzana izindi ndyane za politike.
Ikibazo co guhindura ibwirizwa nshingiro cavuzweko cane, umufasha w’umuhuza mu biganiro akaba yasavye ko ingingo yo kudahindura ibwirizwa nshingiro muri kino gihe ibintu bitarafata intumbero nziza yoba ntabanduka.
Mwomenya koi bi, umufasha mu biganiro vy’abarundi yabishikirije ku munsi wa kabiri w’ibiganiro biriko bibera I Arusha mu gihugu ca Tanzaniya, kuva kw’igenkerezo rya 16 Ruhuhuma,umwaka wa 2017.
IGIHE
Messages
19 Ruhuhuma 2017, 11:05, par Nepomsen Harimenshi
none abo bagomba ko ibwirizwa shingiro ryohindurwa ubwo ntibashaka kwigungirako ubutegetsi?guma hamwe muzovako!!
19 Ruhuhuma 2017, 12:25, par AREKAYO
YARAHENZWE.VYANKA BIKUNDA RIRAHINYANYURWA PE.UBURUNDI BWARIKUKIYE.NTITUKIGENDERA MUKWAHA KWABAKOLONI
19 Ruhuhuma 2017, 19:46, par Firmin Niyongabo
Vyanka Bikunda,rizohinyanyurwa
20 Ruhuhuma 2017, 05:58, par mzoyihera intagoheka
Itwaro ya Petero Nkurunziza niyimvuruzi gusa, nayiryo bwirizwa shingiro barihindura ngo barafise ivyiyumviro vyokubaka? icobarondera nukwironderera ivyoborohereza mukutoteza nukurya abenigihugu babicayeko nkintebe!
ahokwiga ivyofasha abenigihugu bakava mumagorwa barimwo, ninzara igishibije mugihugu!? batumwanya barondera inyunguzabo. Mkapa nawe ikibazo cuburundi, wenyene ntacazoshobora niharonderwe abamufasha nko mwishirahamwe rya frika,hamwe nabo mwishirahamwe rya burayi, nabandi nabandi, kubera karya karwi karongowe na Nkurunziza petero, nintagodwa amazosi, kandi nabantu batigera bavugukuru!, kiretse bagondojwe namakungu.
20 Ruhuhuma 2017, 10:32, par Makamba
Mubesha Turarihindura,abanyamahanga Nibategeke Icokorwa Mubihugu Vyabo Nayuburundi Nubwacu Ivyigihugu Biraba Twebwe Abarundi Nitwe dutegerezwa kubona icokorwa.
20 Ruhuhuma 2017, 20:10, par Mwumba
Mukapa turamuzi kubugambanyi kuko nawe yari mumugambi wo kwica Habyalimana. Nkurunziza we abanzi ntibazamubona kuko yashyizweho n’Imana kandi ninayo imurinda. Kandi abaribwaribwa abafitiye numuti wubwo burwayi......