Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Mkombozi yateguye igiteramo ciwe ca mbere i Kigali - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > umucuraranzi > Mkombozi > inkuru > Mkombozi yateguye igiteramo ciwe ca mbere i Kigali

Mkombozi yateguye igiteramo ciwe ca mbere i Kigali

jeudi 15 Nyakanga 2016, par Egide NDUWIMANA

Umu "Rappeur" Nzeyimana Thomas azwi cane kw’izina rya Mkombozi agiye gukora igiteramo ca mbere mu Rwanda, inyuma y’imyaka igera kw’icumi amaze akora umuziki.

Mkombozi yamenyekanye cane mu ndirimbo ziwe nka “East Africa”, “Mchezo wa Ndani”, “Hasta la victoria siempre” na “Nzeyimana” yasohoye mu mwaka w’2014. Mu kiganiro yagiranye na IGIHE, Mkombozi yavuze ko amaze imyaka ibiri mu buhungiro ndetse ko mu bihugu vyose yagezemwo yagiye ahakorera ibiteramo. Yavuze ko amaze ukwezi kumwe yimukiye i Kigali, ariko ko ahafise iminsi mike, mu nyuma akerekeza ku mugabane wa Buraya. Mkombozi avuga ko yanse kugenda atiyeretse abakunzi biwe, ari naco gituma yateguye ico giteramo, ari naco ca mbere agiye gukorera mu Rwanda.

Yagize ati : “Mu Rwanda ndahamaze ukwezi kumwe, ndi mu buhungiro nkabandanya kubifatanya no gukora umuziki wanje, nari mvuye i Kampala na Abidjan naho hari abafana benshi […] Nipfuje kuza kuba mu Rwanda, mu gihe ibibazo bitarakemuka iwacu, ariko ndahafise igihe gito nkaca nja i Buraya.”

Yongera avuga ati : “Nanze kuja i Buraya ntaririmbiye abafana, nzohagaruka inyuma y’amezi abiri, kugenda ntakoze igiteramo bakazokwumva na none nagarutse ntivyoba bisa neza.”

Ico giteramo ca Mkombozi kizobera kuri Car Wash, kuri uwu wa gatandatu igenekerezo rya 17 Nyakanga 2016, akazoba ari kumwe na Sat B, RFlow bompi bo mu Burundi, hamwe n’abaririmvyi b’Abanyarwanda nka Uncle Austin, Bruce Melody, Sat B, RFlow, Elvis Shaggy n’abandi.

Kwinjira muri ico giteramo ni amafaranga igihumbi c’amanyarwanda mu bibanza bisanzwe, hamwe n’ibihumbi bitatu mu bibanza vy’icubahiro, bizotangura isaha icenda z’umuhingamo, gushika isaha cumi na zibiri z’umugoroba.


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.