Accueil > Kwidagadura > umucuraranzi > Mkombozi > inkuru > Mkombozi yateguye igiteramo ciwe ca mbere i Kigali
Mkombozi yateguye igiteramo ciwe ca mbere i Kigali
jeudi 15 Nyakanga 2016, par
Umu "Rappeur" Nzeyimana Thomas azwi cane kw’izina rya Mkombozi agiye gukora igiteramo ca mbere mu Rwanda, inyuma y’imyaka igera kw’icumi amaze akora umuziki.
Mkombozi yamenyekanye cane mu ndirimbo ziwe nka “East Africa”, “Mchezo wa Ndani”, “Hasta la victoria siempre” na “Nzeyimana” yasohoye mu mwaka w’2014. Mu kiganiro yagiranye na IGIHE, Mkombozi yavuze ko amaze imyaka ibiri mu buhungiro ndetse ko mu bihugu vyose yagezemwo yagiye ahakorera ibiteramo. Yavuze ko amaze ukwezi kumwe yimukiye i Kigali, ariko ko ahafise iminsi mike, mu nyuma akerekeza ku mugabane wa Buraya. Mkombozi avuga ko yanse kugenda atiyeretse abakunzi biwe, ari naco gituma yateguye ico giteramo, ari naco ca mbere agiye gukorera mu Rwanda.
Yagize ati : “Mu Rwanda ndahamaze ukwezi kumwe, ndi mu buhungiro nkabandanya kubifatanya no gukora umuziki wanje, nari mvuye i Kampala na Abidjan naho hari abafana benshi […] Nipfuje kuza kuba mu Rwanda, mu gihe ibibazo bitarakemuka iwacu, ariko ndahafise igihe gito nkaca nja i Buraya.”

Yongera avuga ati : “Nanze kuja i Buraya ntaririmbiye abafana, nzohagaruka inyuma y’amezi abiri, kugenda ntakoze igiteramo bakazokwumva na none nagarutse ntivyoba bisa neza.”
Ico giteramo ca Mkombozi kizobera kuri Car Wash, kuri uwu wa gatandatu igenekerezo rya 17 Nyakanga 2016, akazoba ari kumwe na Sat B, RFlow bompi bo mu Burundi, hamwe n’abaririmvyi b’Abanyarwanda nka Uncle Austin, Bruce Melody, Sat B, RFlow, Elvis Shaggy n’abandi.
Kwinjira muri ico giteramo ni amafaranga igihumbi c’amanyarwanda mu bibanza bisanzwe, hamwe n’ibihumbi bitatu mu bibanza vy’icubahiro, bizotangura isaha icenda z’umuhingamo, gushika isaha cumi na zibiri z’umugoroba.

IGIHE
Messages
15 Nyakanga 2016, 22:14, par Nene Joy Nelson
Karibu sana concert nziza turagukunda turagukumbuye me hama uzo wigore ushike mu Ntara yawe mavuko iwacu I Makamba
16 Nyakanga 2016, 07:32, par Mudabwa
Wihendugaruke Muburundi Wirabi Icubonawabwawe
16 Nyakanga 2016, 14:53, par K
Aje i Burundi ngo mwomumesa, yabatwaye iki se, ujinga ni mzigo kabisa
16 Nyakanga 2016, 14:53, par K
Aje i Burundi ngo mwomumesa, yabatwaye iki se, ujinga ni mzigo kabisa
17 Nyakanga 2016, 07:38, par Musaga
Concert imwe y’i Kigali iruta izo yogirira mu Burundi 20, nyinyi wa DD muko wajinga tout,ntimuzipfa mugeze ku Rwanda kubera ubujuju bwanyu
18 Nyakanga 2016, 16:47, par 69853905
azayizi
18 Nyakanga 2016, 17:20, par kamenge elvis kamenge
mkombozi ni Jesus gusa.uwo ni mukimbizi!!!
20 Nyakanga 2016, 16:19, par Therence ndayishimiye
nne woza muburundi ntitwokunyegeza?
15 Kigarama 2016, 20:52, par Ndikuriyo Elic
Jewe. Nkunda Mukombozi Kuruta Porotike Yiburundi. Nanje Icosaba Mukombozi.Azeyirinde Amamajo Mbo Yabamwanka.
21 Kigarama 2016, 09:06, par iradukunda taïga
mkombozi turamwemera afise ibitekerezo vyiza
20 Mukakaro 2017, 12:34, par ninbona irene