Accueil > Inkino > FOOTBALL > Mohamed Salah, umukinyi wo muri Afrika yarushije abandi mu 2017
Mohamed Salah, umukinyi wo muri Afrika yarushije abandi mu 2017
mardi 12 Kigarama 2017, par
Nk’uko ikinyamakuru BBC cama gitanga ku mwaka kumwaka agashimwe k’umukinyi yigenjeje neza w’umunya Afrika, amahigwe yaraye atahukanye Mohammed Salah batazira Mo Salah, umusatirizi asanzwe aharugwa mu bakinyi banyaruka cane kw’isi.
Mo Salah yaronse ayo mahigwe asumbije Pierre Emerick Aubameyang ava muri Gabon, umunya Guinée Naby Kéita, umunya Sénégal Sadio Mané basanzwe bakinana mu mugwi wa Liverpool, hamwe n’umunya Nigeriya Victor Moses akinira umugwi wa Chelsea.
Ahanini Mohammed Salah yatorewe ku ruhara yagize mu gufasha cane igihugu ciwe ca Misiri kuronka amahigwe yo gukina igikombe c’isi kizokinigwa mu Burusiya mu mwaka uza wa 2018, aho yatsinze ibitsindo 5, gutyo Misiri ikazoca ikina igikombe yaherukamwo muri 1990.
- Umukinyi Mohammed Salah, akomoka mu gihugu ca Misiri
Mohammed Salah yagaragaje umunezero aho ashimira cane abo bakinanye mu mugwi wa As Roma mw’ihiganwa rw’ubutaliyano, agashimira abo bari kumwe muri Liverpool, ndetse n’abo bakinana mu mugwi nserukira gihugu wa Misiri.
Mogammed Salah yavuze ati : «Ni iteka ntangere kuri jewe kubona ntahukanye aka gashimwe gahabwa ibihangange. Ngiye kwongereza inguvu zo gukora kugira nzoronke n’ubundi bushimwe buri imbere.»
Ako gashimwe Mohammed Salah akaronse mu gihe igihugu ca Misiri cari kikanyotewe kuko bagaheruka mu mwaka wa 2008 , aho katahukanwa n’umukinyi Aboutreika.
Pacifique BUKURU