IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ubutungane > Mpimba : Batanu mu bagabo cumi bafatiwe ku Mutakura barekuwe

Mpimba : Batanu mu bagabo cumi bafatiwe ku Mutakura barekuwe

mardi 31 Nzero 2017, par Egide NDUWIMANA

Abagabo batanu muri cumi bafatiwe ku Mutakura barekuwe ku muhingamo wo kuri uwu wa kabiri, inyuma y’amezi hafi atanu bapfungiwe mw’ibohero rikuru rya Mpimba. Amakuru ava aho mw’ibohero avuga ko barekuwe ku kigongwe c’umukuru w’igihugu, bikavugwa kandi ko n’abo bandi batanu basigaye bazorekurwa kuri uwu wa gatatu.

Abo bagabo cumi barimwo Salvator NAHIMANA, umumenyeshamakuru wa Radio Maria Burundi bari bafatiwe ku Mutakura kw’igenekerezo rya 2 Gitugutu 2016. Bose bafatiwe kuri karitiye ya Mutakura, zone Cibitoke, kw’ibarabara ry’icenda nomero 59.

Mu gihe abo bafashwe bari bamenyesheje ko bari mu nama y’ishirahamwe ry’ugufashanya bashaka gutanguza, mu giporisi c’Uburundi babagirije ko bari mu nama y’uguhungabanya umutekano w’igihugu, bakagirizwa kandi ko bariko bategura kwegeranya ibifungurwa bihabwa abagizi ba nabi.

Sentare yegukira komine Ntahangwa yari yabasabiye umunyororo w’imyaka itanu, hamwe n’ihadabu ry’amafaranga ibihumbi ijana.


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.