IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ubutungane > Mpimba : Igiporisi casatse mu vyumba vy’abanyororo

Mpimba : Igiporisi casatse mu vyumba vy’abanyororo

vendredi 17 Ruhuhuma 2017, par Egide NDUWIMANA

Igiporisi casatse kuri uwu wa gatanu mw’ibohero rikuru rya Mpimba, ahatowe ibintu bitandukanye vyafashwe n’igiporisi.

Ivyafatiwe aho mw’ibohero rikuru rya Mpimba ni inzoga za BRARUDI (ibiyeri/Primus, hamwe na Amstel), ibidaji bigaragara vy’inzoga za BRARUDI, ama terefone ngendanwa 41, urusasu rumwe rw’inkoho yo mu bwoko bwa Kalashnkov, inzoga zitemewe n’amategeko, urumogi, umupanga, isukari, ifu, hamwe n’imbugita imwe ikoreshwa mu gikoni.

Moise NKURUNZIZA, icegera c’umuvugizi w’igiporisi amenyesha ko bitumvikana ingene ivyo bintu vyinjira kandi amategeko atabirekura. Moise NKURUNZIZA akavuga ko bazokora amatohoza ku bafatanwe ivyo bintu, kugira hamenyekane ingene vyinjiye, ababifisemwo uruhara bahanwe.

Iryo sakwa ribaye inyuma y’iminsi ibiri gusa habaye igikorwa c’ukwimura bamwe mu banyororo bari bapfungiwe muri iryo bohero.

Mu bimuwe harimwo Colonel Dieudonné Dushimagize batazira "Gangi" yungururijwe mw’ibohero ry’i Bubanza kuva kuri uwu wa gatatu, inyuma y’amezi hafi ane apfungiwe mw’ibohero rikuru rya Mpimba. Iyo ntwazangabo mu gisirikare c’Uburundi yagirizwa ko ikorana n’umurwi w’abantu bari mu Rwanda, mu gutegura hamwe n’ugushira mu ngiro ibikorwa vy’uguhungabanya umutekano w’igihugu, hamwe n’ugutegura igandagurwa rya bamwe mu ndongozi z’Uburundi, hamwe n’ugushaka gukora ubwicanyi (Tentative d’assassinat) kuri Willy NYAMITWE, umuhanuzi mwishikira mu biro vy’umukuru w’igihugu c’Uburundi.

Abandi banyororo bahinduriwe ibohero kuri uwu wa gatatu, harimwo umwe mu bagirizwa igitero cakozwe kuri General Prime NIYONGABO, umukuru w’ibiro bikuru vy’igisirikare c’Uburundi, uwo nawe akaba yimuriwe mw’ibohero ry’i Gitega, nk’uko amakuru dukura mw’ibohero rikuru rya Mpimba abimenyesha.


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.