Accueil > Kwidagadura > Mu mwaka w’2013 vyoba vyiza kuvukira hehe ?
Mu mwaka w’2013 vyoba vyiza kuvukira hehe ?
mardi 27 Munyonyo 2012
Nihehe umuntu yovukira mumwaka w’2013 kugira agire ubuzima bwiza? Ishirahamwe ryishinze guteza imbere ubutunzi (The Economist Intelligence Unit) rifadikanije n’ikinyamakuru c’ivy’ubutunzi carashize ahabona ivyo umuntu yofatira ko mu kuraba ubuzima butagira agatosi bwikwije mu myaka iri imbere.
Urwo rufatiro n’urusukirane rw’ivyo abantu bibaza vyoshobora kugira ubuzima bwiza ariko bitagira ibiharuro umuntu yofatira ko hamwe rero n’ingingo zizwe neza zerekana ubuzima nk’ubutunzi. Zikerekana neza urugero rw’ubwicanyi n’ukwizigirwa k’inzego zigize ubuzima bw’igihugu. Urwo rufatiro kandi rwishimikiza imigambi y’ubutunzi yo gushika mu mwaka w’ 2030, kuko abana bazovuka mu 2013 bazoba bamaze gukura .
Ico kinyamakuru gitanga inyishu y’ivyigwa vyagizwe kiti :mu mwaka w’2013 vyoba vyiza kuvukira mu Buswise, ico gihugu kiza ubwambere, kigakurikigwa na Australiya,hanyuma Norvege,Suede hamwe na Danemark,ivyo bihugu ukwo ari bitanu akaba ari vyo umuntu yorota kuvukiramwo.
France kiza inyuma cane ubugira mirongo ibiri na gatandatu(26).Ico umuntu yomenya nuko ku bihugu 80,igihugu ca Nigeria gifise isura mbi mubihugu bibereye kuvukiramwo mu 2013. Aho rero ngo ibihugu nka reta zunze ubumwe za America n’Ubudagi biri kurugero rumwe,cokimwe na Israel, Koweit n’ibihugu vyunze ubumwe vy’abarabu,navyo biza kurugero rumwe.
Igitangaje nuko bwaba Ubwongereza bugira 27,bwaba ubu Holande , Bresil,Uburusiya,Ubuhindi canke Ubushinwa ,ntanakimwe gifise ikibanza co kwirukira cane mu bihugu vyiza vyo kuvukiramwo mu 2013,n’aho biteye imbere mu butunzi.
Ibihugu cumi vyambere bikurikirana gute
Suisse
Australie
Norvege
Suede
Danemark.
Singapoul
Nouvelle-Zelande
Hollande
Canada
Hong-kong
Mwomenya yuko iryo shirahamwe nyene riraba ivy’ubutunzi, ari ryo nyene ryari ryasohoye icegeranyo mu 1988 cerekana ko reta zunze ubumwe za Amerika arico kiza ubwa mbere mu bihugu vyiza vyo kuvukiramwo.
M.Claire