IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ubutungane > Muganga Jean Claude NIYONGERE yaraye ijoro rya mbere mw’ibohero rikuru rya (...)

Muganga Jean Claude NIYONGERE yaraye ijoro rya mbere mw’ibohero rikuru rya Gitega

vendredi 23 février 2018

Amakuru ava muri iyo ntara ya Karusi, amenyesha ko, Muganga Jean Claude NIYONGERE yahagaritswe yagirizwa kuba ariko yigisha gutora OYA, mu matora yo kwemeza canke guhakana ibwirizwa nshingiro, ategekanijwe mu kwezi kwa gatanu.

Ayandi makuru, avuga ko Muganga Jean Claude NIYONGERE yagirizwa kuba yarakwiragije ku mbuga ngurukanabumenyi,ishusho y’umunyamabanga mukuru w‘umugambwe CNND-FDD yambaye inkofero iriko ivyandiko bihamagarira abarundi gutora oya mw’ibwirizwa nshingiro rihinyanyuwe rigiye gutorwa n’abarundi.

Muganga Jean Claude NIYONGERE yinjijwe ibohero rikuru ry’intara ya Gitega,nk’isaha icumi z’umugoroba wo kur’uyu wa kane igenekerezo rya 22 Ruhuhuma 2018, ahejeje kwumvirizwa n’umushikirizamanza wa Republika mu ntara ya Karusi.


Oscar NDAYISHIMIYE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.