Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Muramvya: Umuyoboke wa Agathon Rwasa yahagaritswe - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Poritike > Muramvya: Umuyoboke wa Agathon Rwasa yahagaritswe

Muramvya: Umuyoboke wa Agathon Rwasa yahagaritswe

jeudi 29 Kigarama 2016

Eliya BIZABISHAKA, umunyeshuri muri kaminuza y’Uburundi akaba kandi n’umunywanyi w’umushingamateka Agathon Rwasa ,apfungiwe mu gasho k’igipolisi mu ntara ya Muramvya, kuva kuwa gatatu igenekerezo rya 28 Kigarama 2016.

Eliya BIZABISHA yafashwe ku munsi wa mbere igenekerezo rya 26 Kigarama 2016, afatwa n’abantu bivugwa ko ari abakozi b’igendereza,mu Bukeye ,mu ntara ya Muramvya.

Gushika ubu mu gipolisi gikorera mu ntara ya Muramvya ntibaramenyesha imvo yatumye ahagarikwa.

Mu mugambwe FNL ishami rya Agathon Rwasa mu ntara ya Muramvya, bariyamiriza ifatwa ry’abanywanyi babo,aho bamenyesha ko bafatwa batamenyeshejwe igituma bafashwe.


igihe

Messages

  • mwihangane Imana isumbingabo, harumunsi uwo akugirira ivyo uzomusubiriza munkoko.

  • Misuhuko cane,Rwasa yakurikiye nkurunziza yibaza rwabanwanyi biwe ngo niho bazoronka agaherwe!!!!!! ihibambewe ntaho bazigera baronka agaherwe nagatoya. Burya ntampembo yumurozi nubwo womukorera ibimeze bite, azoruhuka aguhereje kwabawe bose hamwe usigara wirebanga nkagati muruzi.
    Nkurunziza ntibamutahura nubwo Rwasa babanye ingozi, abamuzi nabo vyabanye mwishamba ingene incabwenge yazihonereje mwishamba azihora ubwenge bwazo.

  • None ko igipolisi kitavuze ico yafatiwe, muca mwemeza ko yazize ko ar’umunywanyi wa Rwasa? None har’ahanditswe ko kuba umunywanyi wa Rwasa ar’icaha? N’iki cerekana ko atoba yahagaritswe kubera ikindi caha? Mbe hoho, ni kuki iyo umuntu ahagaritswe, ikintu ca mbere muca mudutangariza ar’umugambwe wiwe? Womenga mu Burundi buri wese asigaye avukana ubunywanyi bw’umugambwe runaka.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.