Accueil > Amakuru > Muri Afrika > "Musenyeri Jean Marie Benoit Mballa ntiyiyahuye"
"Musenyeri Jean Marie Benoit Mballa ntiyiyahuye"
mercredi 14 Ruheshi 2017, par
Inyuma y’inama idasanzwe yahuje abasenyeri bose mu gihugu ca Cameroun yabereye Yaounde mu gihugu ca Cameroun, abo basenyeri basohoye urwandiko rwemeza ko Musenyeri Jean Marie Benoit Mballa yagandaguwe.
Mu rwandiko basohoye, bamenyesheje ko ivyakozwe ari ubwicanyi burengeje urugero. Muri urwo rwandiko, bagarutse ku bandi bihebeye Imana bagandaguwe imbere y’uwo Musenyeri muri ico gihugu. Bavuze bati : « Inyuma y’igandagurwa rya Musenyeri Yves Plumey mu mwaka w’i 1991, igandagurwa rya Patiri Joseph Mbassi mu 1988, iyicwa rya Patiri Anthony FONTEGH mu 1990, igandagurwa ry’ababikira b’i Djoum mu 1992 hamwe n’igandagurwa rya Patiri Engelbert Mveng mu 1995, turasavye ko hoba umuco ukwiye n’amatohoza ataho yegamiye bafatiye ku bimenyetso bigaragara, kuri ubwo bwicanyi bundi bukorewe Musenyeri Jean Marie Benoit Mballa. Abazoba bagiwe n’ubwo bwicanyi badomweko urutoke, bongere bashengezwe imbere y’ubutungane kugira bahanwe hisunzwe amategeko.»
Muri urwo rwandiko, abasenyeri bo muri Cameroun basaba Reta y’ico gihugu ko yokingira bikwiye umutekano wa kiremwa muntu, na cane cane uw’abihebeye Imana bo muri ekereziya gaturika basa n’abageramiwe.
Musenyeri Jean Marie Benoit Mballa yahora ari Umwepisikopi wa Diyoseze ya Bafia mu gihugu ca Cameroun yatowe ikiziga kw’igenekerezo rya 2 Ruheshi 2017, ku birometero indwi vy’uruzi Sanaga, inyuma y’iminsi itatu aburiwe irengero.
- Musenyeri Jean Marie Benoit Mballa
Nk’uko tubikesha BBC, ikiziga c’uwo Musenyeri catowe inyuma y’iminsi ibiri imodoka yiwe nayo nyene itowe ku kiraro c’uruzi Sanaga, ku birometero birenga 80 uvuye mu gisagara ca Yaoundé.
Abategetsi b’igihugu ca cameroun bemeza ko umunsi uwo muduga utorwa, batoye kandi n’ibiranga (ivyangombwa) vy’uwo Musenyeri, biri kumwe n’agapapuro kari kanditse ngo : "Ndi mu mazi."
Vianney BIKORIMANA