Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Musenyeri Justin BARANSANANIKIYE arashima aho bagejeje gutegura igiteramo (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > umucuraranzi > Musenyeri Justin BARANSANANIKIYE arashima aho bagejeje gutegura igiteramo (...)

Musenyeri Justin BARANSANANIKIYE arashima aho bagejeje gutegura igiteramo ca Yves KAMIKIWE

samedi 12 Myandagaro 2017

Mu kiganiro yagiranye n’ikinyamakuru IGIHE kuri uyu wa gatandatu igenekerezo rya 12 Myandagaro 2017, Musenyeri Justin BARANSANANIKIYE amenyesha ko bahisemwo kumufata mu mugongo kuko biboneka ko afise ingabirano nziza kandi aririmba mu kurongo w’ubushakashatsi buriko bukorwa ku muziki w’Uburundi n’ikigo cigisha umuziki c’i Gitega.

Musenyeri Justin BARANSANANIKIYE avuga ko umuririmvyi Yves KAMIKIWE ari umuririmvyi atandukanye n’abandi baririmvyi bivanye n’ingene yandika indirimbo, naho azikura, kuko biboneka ko akora ubushakashatsi.

Yavuze ati:«Yves KAMIKIWE aririmba mu mudiho w’ikirundi c’ukuri, uravye indirimbo yandika urabona aho yawukuye, ko yawukuye mu muco w’ikirundi no mu ngoma z’Uburundi.»

Ku bijanye n’imyiteguro yo gushigikira umuririmvyi Yves KAMIKIWE, Musenyeri Justin BARANSANANIKIYE amenyesha ko imyiteguro igeze kure, kuko vyaba ibikoresho n’ikibanza kizoberamwo igiteramo vyamaze kuboneka.

Musenyeri Justin BARANSANANIKIYE avuga ko mu migambi bafise, bipfuza gushigikira abandi baririmvyi, ariko babanje kwemera guhindura inzira bakisunga kuririmba mu mudiho w’ikirundi.

Umuziki ni rwacu, twarawonse

Uwo arongoye ikigo cigisha umuziki mu ntara ya Gitega avuga ko ku makenga abaririmvyi bamwe bafise ko baririmvye mu mudiho w’ikirundi umuziki wabo utokundwa,abahumuriza ababwira ati:

«Umuziki ni rwacu, twarawonse, kandi ikintu kigirwa n’uko gikozwe,turashaka ko abaririmvyi barabira ku muririmvyi Yves KAMIKIWE kandi bamumenye

Musenyeri Justin avuga ko ababazwa no kubona umuziki w’Uburundi warataye umurongo, kuko hari abaririmvyi bakora bikura, batabanje gukora ubushakashati.

JPEG - 103.9 ko
Musenyeri Justin BARANSANANIKIYE,arongoye ikigo cigisha umuziki c’i Gitega

Igiteramo co gushira ahabona urukurikirane rushasha rw’umuririmvyi Yves KAMIKIWE, kizoba kw’igenekerezo rya 19 Myandagaro 2017, mu ntara ya Gitega, mu kibanza American Corner.


MUGISHA Van Naris

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.