IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Mutaho : Abantu babiri barapfuye bakubiswe n’inkuba

Mutaho : Abantu babiri barapfuye bakubiswe n’inkuba

lundi 13 novembre 2017

Amakuru ava i Mutaho, amenyesha ko abo bapfuye ari umukenyezi n’umwana wiwe w’imyaka 14, bari basanzwe baba ku mutumba Muyange, Komine Mutaho, intara ya Gitega.

Ayo makuru nyene amenyesha ko abo bantu babiri bapfuye ubwo nyene,inkuba igiheza kubakubita.

Aho nyene i Mutaho,uwundi munyezamu yarapfuye acumiswe n’abasuma kuwa gatanu igenekerezo rya 10 Munyonyo 2017, imbere y’uko abo basuma biba ivyari mu nzu y’ubudandarizo yari acungereye.

Mu bajejwe intwaro muri komine Mutaho, bakamenyesha ko amatohoza yamaze gutangura kugira abakoze ubwo bwicanyi bamenyekane.


MUGISHA Van Naris

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.