Accueil > Amakuru > Ubutungane > Muyinga : KWIZERA Dieudonné yasabiwe gupfungwa imyaka 30
Muyinga : KWIZERA Dieudonné yasabiwe gupfungwa imyaka 30
jeudi 27 Ndamukiza 2017, par
Sentare y’i Muyinga yasabiye umunyororo w’imyaka 30 uwitwa KWIZERA Dieudonné yagirizwa ko yafashije uwuri mu bakoze igitero cabaye kw’ikambi y’igisirikare c’Uburundi ku Mukoni mu ntara ya Muyinga kw’igenekerezo rya 23 Nzero 2017.
KWIZERA Dieudonné yagirizwa ko ari mu bateguye ico gitero, akaba yari amaze indwi apfunzwe. Sentare ifatira ivyo birego ku kuba uwo avyagirizwa yatije imodoka yiwe umwe mu basirikare bafashwe bagirizwa ico gitero.
Uwo yagirizwa ivyo vyaha yamereye Sentare ko yatije iyo modoka yiwe uwo musirikare, ariko ko atari azi ico ihava ikoreshwa.
Sentare yamusabiye umunyororo w’ugupfungwa imyaka 30 hamwe n’ugutanga ihadabu ry’amafaranga ibihumbi amajana abiri y’amarundi.
Urwo rubanza rukazosomwa kw’igenekerezo rya 5 Rusama 2017. Niho hazomenyekana ingingo Sentare izoba yafashe.
IGIHE
Messages
27 Ndamukiza 2017, 16:13, par Kuri
Ewe BURUNDI!!!!
27 Ndamukiza 2017, 19:24, par Wakera
Nibamurekure atakirinze gusabwa bareke iryo rememtanya!!! Sentare ya hehe kandi atabutungane buhari, nubwo bita ubutungane bucira urukonda mugani ya ntiba imbonerakure nshasha iherutse kwinjira yivugisha ngo ntiyari yahunze!!!
27 Ndamukiza 2017, 19:43, par SUPURU SEBASTIEN
NIYIHANGANE CANKE BAMUGABANYE KWATAGIYEMWO!
27 Ndamukiza 2017, 19:52, par Ñ
Murarab Mutohoz Nez Mutarengany Kuko Hos Imodok Barazikot Ariko Ntibab Benez Barikumw Ngobameny Iciyomodok Iriko Irakora.
28 Ndamukiza 2017, 09:30, par Cobla
Wakera Wewe Wemera Sentare Yahehe? Uzoteba Uve Imahama.