Accueil > Amakuru > Ubutungane > Mwaro : Sentare nkuru yaciriye gupfungwa imyaka 20 uwagirizwa kwica se (...)
Mwaro : Sentare nkuru yaciriye gupfungwa imyaka 20 uwagirizwa kwica se wiwe
mercredi 23 mai 2018
Uwo yishwe azwi kw’izina rya NDIKURIYO Elie yaba ku mutumba Rucunda, komine Rusaka, intara ya Mwaro, akaba yishwe n’umuhungu wiwe azwi kw’izina rya NDIKURIYO Richard.
Amakuru dukesha umuvugizi w’ubushikiranganji bw’umutekano, Pierre NKURIKIYE, amenyesha ko NDIKURIYO Richard yishe umuvyeyi wiwe akoresheje agafuni, kubera indyane z’amatongo.
Umuvugizi wa sentare ntahinyuzwa ,Agnes BANGIRICENGE, amenyesha ko NDIKURIYO Richard, yahanishijwe ico gihano hisunzwe ingingo ya 214 y’igitabo mpanavyaha.
MUGISHA Van Naris
Messages
27 mai 2018, 15:39, par Miburo kristien
U UYO MUHUNGU YAKOZE NABI AGIYE KURWA MUGASHO ATANAHARIMYE UWOMUVUMO UMWOMERE WENYENE