IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ubutungane > Mwaro : Sentare nkuru yaciriye gupfungwa imyaka 20 uwagirizwa kwica se (...)

Mwaro : Sentare nkuru yaciriye gupfungwa imyaka 20 uwagirizwa kwica se wiwe

mercredi 23 mai 2018

Uwo yishwe azwi kw’izina rya NDIKURIYO Elie yaba ku mutumba Rucunda, komine Rusaka, intara ya Mwaro, akaba yishwe n’umuhungu wiwe azwi kw’izina rya NDIKURIYO Richard.

Amakuru dukesha umuvugizi w’ubushikiranganji bw’umutekano, Pierre NKURIKIYE, amenyesha ko NDIKURIYO Richard yishe umuvyeyi wiwe akoresheje agafuni, kubera indyane z’amatongo.

Umuvugizi wa sentare ntahinyuzwa ,Agnes BANGIRICENGE, amenyesha ko NDIKURIYO Richard, yahanishijwe ico gihano hisunzwe ingingo ya 214 y’igitabo mpanavyaha.


MUGISHA Van Naris

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.