Accueil > Amakuru > Ubutungane > Mwaro : Uwishe nyina n’uwo bavukana yaciriwe urubanza
Mwaro : Uwishe nyina n’uwo bavukana yaciriwe urubanza
mercredi 28 Ruheshi 2017, par
Umukenyezi umwe n’umuhungu wiwe azwi kw’izina rya Mertus nibo bishwe bagandaguwe ku mugoroba wo kuri uno wa kabiri igenekerezo rya 27 Ruheshi 2017, ku mutumba Butazi, Komine Ndava y’intara ya Mwaro.
Amakuru ava mu giporisi c’Uburundi amenyesha ko NDIMURWANKO Gervais w’imyaka 41 yishe nyina hamwe na mwenewabo, akoresheje umuhini w’isuka.
Mu giporisi bavuga ko uwo mugabo yishe abo bantu abagiriza ko bamurogeye umugore wiwe yitavye Imana kw’igenekerezo rya 2 Nzero 2017.
Ubutungane bukaba bwamuciriye umunyororo w’imyaka 25.
Egide NDUWIMANA
Messages
19 Mukakaro 2017, 20:11, par Ntakiyiruta
Iyo Myaka Ko Ari Mike!