Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
NGENDAKUMANA:’’Amatora meza azoshoboka abarundi babanje kwicara ku meza (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Poritike > NGENDAKUMANA:’’Amatora meza azoshoboka abarundi babanje kwicara ku meza (...)

NGENDAKUMANA:’’Amatora meza azoshoboka abarundi babanje kwicara ku meza y’ibiganiro’’

jeudi 13 Mukakaro 2017

Leonce NGENDAKUMANA yavuze ko bamweretse uko ibintu vyifashe inyuma y’indyane zadutse kuva umugambwe CNDD FDD umenyesheje ko umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA ariwe ushize imbere mu matora yo mu mwaka wa 2015.

Leonce NGENDAKUMANA yavuze kandi ko bamusiguriye ko ata tandukaniro riri hagati y’ibwirizwa nshingiro ry’Uburundi hamwe n’amasezerano ya Arusha, kandi ko arivyo mushinge w’ubumwe n’intwaro rusangi mu gihugu.

Icegera c’umukuru w’umugambwe FRODEBU avuga ko habaye ikibazo mu gihe hariko hashirwa mu ngiro amasezerano ya Arusha,kuko haciyemwo ibibazo bishingiye ku kiringo ca gatatu c’umukuru w’igihugu.

Leonce NGENDAKUMANA yamenyesheje kandi ko basiguriye intumwa idasanzwe y’umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe mpuzamakungu ONU ko ibwirizwa nshingiro ridasa n’ayandi yo mu bihugu vy’akarere nk’Ubuganda n’Urwanda,kuko ari umwumvikano hagati y’abarundi kugira babane mu mwumvikano.

JPEG - 56 ko
Leonce NGENDAKUMANA,icegera c’umukuru w’umugambwe FRODEBU

Leonce NGENDAKUMANA akamenyesha ko basiguriye intumwa idasanzwe ya ONU mu burundi ko,uko ibintu biri uno munsi ntibituma hatunganywa amatora meza mu mwaka wa 2020, ari naco gituma bategerezwa kwicara ku meza y’ibiganiro mu ntumbero gushimangira amasezerano ya Arusha.


MUGISHA Van Naris

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.