Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Nijeriya : Umukuru w’igihugu Muhammadu Buhari yongeye kubonekana inyuma (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Nijeriya : Umukuru w’igihugu Muhammadu Buhari yongeye kubonekana inyuma (...)

Nijeriya : Umukuru w’igihugu Muhammadu Buhari yongeye kubonekana inyuma y’imisi 80

lundi 24 Mukakaro 2017

Umukuru w’igihugu Muhammadu Buhari w’imyaka 74 yagiye mu gihugu c’Ubwongereza kuva mu kwezi kwa rusama uyu mwaka wa 2017 agiye kwivuza naho ingwara agwaye itamenyeshejwe.

Inkuru ziva mu begereye ubutegetsi bwa Nijeriya, zivuga ko ku munsi w’Imana igenekerezo rya 23 mukakaro 2017 yabonanye na ba Buramatari aho vyabonetse ko yarafise umunezero.

Abamenyesheje uko Buhari amerewe bavuze ko umukuru w’igihugu yari aryohewe kandi ko atigeze atakaza icizere.

Buramatari Rochas Okorocha ari mu bagiye kuraba Buhari amenyeshako nabo nyene babajije umukuru w’igihugu ibivugwa ko ubuzima bwiwe bugeramiwe ariko ngo yaguma abatwenga.

Rochas Okorocha yavuze ati : “ Umukuru w’igihugu Buhari ntiyigeze acika intege n’ibihuha bamuvugako, ahubwo yatanze indamutso ku banyanijeriya bose.”

Mwomenya ko kuva igenekerezo rya 7 nzero 2017 amagara ya Buhari yagiye asubira inyuma aho yaguma aja kwivuza mu gihugu c’Ubwongereza, ariko kuva muri rusama 2017 yagiye mu Bwongereza agumayo aho yasigiye icegera ciwe Yemi Osinbajo ububasha bwo gutunganya ibikorwa vyose vy’igihugu.


BIKORIMANA Vianney

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.