Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
NKOSAZANA Dlamini-Zuma yasubirijwe n’uwo muri Tchad - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > NKOSAZANA Dlamini-Zuma yasubirijwe n’uwo muri Tchad

NKOSAZANA Dlamini-Zuma yasubirijwe n’uwo muri Tchad

lundi 30 Nzero 2017, par Egide NDUWIMANA

NKOSAZANA Dlamini Zuma yahora ari umukuru w’ibiro nshingwabikorwa mu muryango w’ubumwe bwa Afrika yasubirijwe na Moussa Faki, yahora umushikiranganji ajejwe imigenderanire ya Tchad n’ayandi makungu. Uwo yatsinze mu gice ca nyuma, arushije Amina Mohamed asanzwe nawe nyene ari umushikiranganji wa Kenya ajejwe imigenderanire n’ayandi makungu.

JPEG - 56.8 ko
Moussa Faki, yahora umushikiranganji ajejwe imigenderanire ya Tchad n’ayandi makungu

Mu nama igira iya 28 y’ishirahamwe ry’ubumwe bwa Afrika iriko ibera i Addis Abeba muri Ethiopia kuva kuri uwu wa mbere, abakuru b’ibihugu bari muri iyo nama batoye kandi umukuru w’iryo shirahamwe. Uwatowe ni Alpha Condé umukuru w’igihugu ca Guinnée Equatoriale, asanzwe azwi nk’uwagize uruhara rukomeye mu gutorera umuti ikibazo ca poritike cari muri Gambia, aho umukuru w’igihugu Yahya Jammey yari yatsinzwe mu matora yanse gusubiza ubutegetsi bwa Adama Barrow yari yamutsinze.

JPEG - 176.6 ko
Alpha Condé umukuru w’igihugu ca Guinnée Equatoriale niwe aramautswa ishirahamwe ry’ubumwe bwa Afrika

Alpha Condé agiye mu kibanza cahoramwo Idriss Deby umukuru w’igihugu wa Tchad, akaba afise ikiringo c’umwaka umwe.

Mu minsi ibiri iyo nama y’abakuru b’ibihugu vyo mw’ishirahamwe ry’ubumwe bwa Afrika izomara, abakuru b’ibihugu bategerezwa kurabira hamwe namba igihugu ca Maroc coba gikwiye kwinjira muri uwo muryango.


IGIHE

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.