Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Ni igiki catumye Natacha ateba gutanga agashimwe k’umukinyi mwiza w’Intamba (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Utuntu n’utundi > Ni igiki catumye Natacha ateba gutanga agashimwe k’umukinyi mwiza w’Intamba (...)

Ni igiki catumye Natacha ateba gutanga agashimwe k’umukinyi mwiza w’Intamba mu Rugamba ?

mardi 7 novembre 2017

Natacha yaheruka gutangaza ko azotanga agashimwe k’umwigeme azokwigenza neza mu rukino rwabahuje n’umurwi Banyana Banyana w’abigeme bo muri Africa y’epfo badashikana imyaka mirongo ibiri.

Amakuru atangwa na Raphael atanga amakuru kwa Natacha avuga ko kuba agashimwe kataratangwa bidasigura ko Natacha yabeshe mu vyo yavuze. Rapha asigura ko imbere ya vyose Natacha atashoboye gushika ku kibuga ahariko habera urukino ku mvo y’uko yaragwaye. Uwo muvugizi abandanya avuga ko Natacha azotanga agashimwe inyuma yo gutohoza uwo mukinyi yitwaye neza uwari we.

Muri urwo rukino rwabaye ku munsi wa gatandatu igenekerezo rya kane Munyonyo, Intamba zatsinze ibitsindo 2 ku busa(2-0) bwa Banyana Banyana. Ivyo bitsindo vyinjijwe n’abigeme Aniella Uwimana na Falonne Nahimana.

Rapha avuga ko Natacha ashobora gutanga ako gashimwe kuri abo bigeme babiri. Ivyo vyose bishobora kuba ku munsi wa gatatu igenekerezo rya munani Munyonyo.

Tubibutse ko Natacha ashaka gutanga ako gashimwe mu ntumbero yo gutera intebe ab’igeme b’Abarundikazi kugira bagire ishaka mu vyo bakora.

Ku bijanye na Video y’ururirimbo "Wangu" Natacha yakoranye na Sheebah, Rapha amenyesha ko ishobora gusohora mu mpera z’ino ndwi nk’uko umuhinyanyuzi abizeza. Naho biruko, Rapha avuga ko bazobanza kuyiga barabe ko ikwije ivyo basaba imbere y’uko ishigwa k’umugaragaro


Cherif NKESHIMANA

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.