Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
’’Nditeguye gufasha umurwi nserukira gihugu hamwe bontumako’’- Elvis (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Inkino > FOOTBALL > ’’Nditeguye gufasha umurwi nserukira gihugu hamwe bontumako’’- Elvis (...)

’’Nditeguye gufasha umurwi nserukira gihugu hamwe bontumako’’- Elvis Kamsoba

lundi 18 Nyakanga 2017

Mu kiganiro yagiranye n’ikinyamakuru IGIHE,Elvis Kamsoba avuka mu ntara ya Makamba amenyesha ko umupira w’amaguru yatanguye kuwukina mu gihugu ca Australiya mu mwaka wa 2009, agifise imyaka 13 y’amavuka.

Elvis Kamsoba amenyesha ko kuva mu mwaka wa 2009 gushika mu mwaka wa 2010 yakiniye umurwi Elizabeth Grove y’abakinyi bafise imyaka iri munsi ya 13 gushika ku myaka 14 , mu gihe mu mwaka wa 2011 yakiniye umurwi Croydon w’abafise imyaka iri munsi ya 15.

Mu mwaka wa 2012,Elvis Kamsoba yakinye mu murwi NTC SASI, mu mwaka wa 2013 yakinye mu murwi playford seniors, kuva mu mwaka wa 2014 gushika mu mwaka wa 2015 akina mu murwi Adelaide raiders,mu mwaka wa 2016 Elvis Kamsoba yakiniye umurwi Croydon kings seniors.

Nkuko yabandanije abibwira ikinyamakuru IGIHE,uwu mwaka Elvis Kamsoba yakiniye umurwi Melbourne Knights in 2017.

Umukinyi Elvis Kamsoba amenyesha ko afise icipfuzo co gukina umupira w’amaguru gushika ku rwego rwo hejuru.

Umukinyi Elvis Kamsoba asanzwe avuka mu ntara ya Makamba,akina imbere ku mpande z’ikibuga canke agakina ku ruhande rw’abasatirizi.

Aha munsi ni amasanamu amwe y’inkino yakinye


MUGISHA Van Naris

Messages

  • Ndasavye ishirahamwe ry’umupira w’amaguru mu Burundi abantu nk’aba n’inkuru nk’izi ntibazifate minenerwe kuko bofasha umurwi nserukiragihugu gushika ahantu heza. Ndavye ingene akina ntihobura umuganda ashiramwo. Barongozi b’Ishirahamwe,muraraba muvugane n’uwu musore mwuve iciyumviro ciwe. Murakoze

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.