Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Nepal : abantu 54 baguye mw’isanganya ry’indege - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu makungu > Nepal : abantu 54 baguye mw’isanganya ry’indege

Nepal : abantu 54 baguye mw’isanganya ry’indege

lundi 12 mars 2018

Amakuru dukesha urubuga ngurukanabumenyi bw’iradiyo y’abongereza BBC, amenyesha ko iyo ndege yarimwo abantu 71, yagize isanganya igihe yariko iriruka ku kibuga c’indege,aho yataye ibarabara, ariko abantu 17 mu bari muri iyo ndege, bakaba barokotse.

Ayo makuru ya BBC, amenyesha ko abakora igikorwa co gutabara, batanguye gukura ibiziga mu bisigarira vy’indege, inyuma yo kuzimya umuriro wadutse iyo ndege igita ibarabara.

Amakuru ava mu gihugu ca Nepal, amenyesha ko,ingendo zose zategerezwa gukoresha ikibuga "Tribhuvan International Airport" zasibijwe.

Iyo ndege yo mw’ishirahamwe Bangladeshi airline US-Bangla, yagize isanganya ,ifise inomero S2-AGU, ikaba iyo mu bwoko bwa "Bombardier Dash 8 Q400", ariko ubutegetsi ntiburavyemeza.


MUGISHA Van Naris

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.