Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Ngo n’abagabo barakubitwa n’abagore babo - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Imibano > Ngo n’abagabo barakubitwa n’abagore babo

Ngo n’abagabo barakubitwa n’abagore babo

mardi 20 Munyonyo 2012

Ishirahamwe ryigenga APHD-Burundi ryishinze guharanira agateka b’abagabo rivuga ko n’abagabo basigaye basinzikarizwa ubuzima n’abagore babo.

Kuri yu wa mbere italike 19 ukwezi kwa Munyonyo wari umunsi mpuzamakungu wahariwe Umugabo. Ishirahamwe ryitwa APHD rirwanya ihohoterwa ry’abagabo ryaboneyeho akaryo ko kwiyamiriza amabi akorerwa abagabo mu ngo akozwe n’abagore b’abo. Ryasavye kandi igipolisi gukora amatohoza yokwerekana ingene abagabo basinzikarizwa ubuzima.

Bukuru Vincent arongoye APHD-Burundi avuga ati ’’Si agaseseshwa rumuri, mu Burundi abagabo baricwa, baraturubikwa, barirukanwa mu ngo canke bagakubitwa n’abagore b’abo, abana b’abo n’abo bitwengera. Ako n’akagaye. Ico nico catumye jewe n’abandi twiyumvira gushinga iri shirahamwe kugira tugarukire agateka k’abagabo bagenzi bacu’’.

Kuri we ikibituma ni uko abagore bashaka kwiyemera mu bice vyose vy’igihugu haba mu vya politike, ubutunzi, mu ntwaro n’ahandi, gutyo bigatuma no mu ngo bashaka kwerekana ko bafise ijambo mu kuganza abagabo b’abo.

Abona ko ingorane ku mugabo ziyongera nko mu gihe akazi k’iwe kaheze, mu mpera z’umwaka, igihe abagore bafise iminsi mikuru y’abo, igihe umugore yanyoye inzoga akaborerwa hamwe rero n’iyo umugabo afise inguvu nke ku mugore w’iwe.

Mw’itangazo ryashizwe ahabona n’iryo shirahamwe ry’abagabo APHD-Burundi, uwurirongoye ahamagarira reta y’u Burundi kwemera ko n’abagabo bakubagurwa aho kwama yibaza ko ari abagore bakubagurwa bifatiye ku gitsina gusa.

Mu bisanzwe imigenzo y’ikirundi irabuza ko hari umugabo yemera ko aganzwa n’umugore w’iwe mu rugo.

Umunsi mukuru wahariwe abagabo watangye guhimbazwa ubwambere mu mwaka w’ 1992 mu nyuma wemerwa n’ishirahamwe mpuzamakungu ONU. Uyu mwaka, uwo munsi wahimbajwe ku civugo kivuga ngo ‘’Dufashe abagabo n’abahungu kugira tubone kuramba’’.


Bujumbura.be

Messages

  • Abagabo bahohoterwa babaho ariko nari nzi ko bitogera aho biganyira bidodombera aho bari nkabakecuru. Ingivu ntiziri kumubiri ziri kumutima. Nukwiga kurondera agafaranga,kugira niyo wakubitwa watanze ratio; ubivemwo uje kuyiha uwutagukubita. Birabaje; kuko gukupita uwo mwubakanye biva kubwenge buke.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.