Accueil > Inkino > Amahiganwa > Ngozi : Ibitsindo 4 vyinjijwe ku munsi wa mbere w’inkino zatunganijwe na (...)
Ngozi : Ibitsindo 4 vyinjijwe ku munsi wa mbere w’inkino zatunganijwe na Messager Ngozi
vendredi 5 janvier 2018
Mu rukino rwa mbere rwabaye isaha icenda, ari narwo rwuguruye izo nkino,umurwi Vitalo FC watsinze umurwi Olympic Star w’i Muyinga igitsindo kimwe ku busa, kikaba ari igitsindo ca mbere kibonetse hagati y’iyo mirwi ibiri, mu nkino zine zikurikirana zihuje iyo mirwi.
Mu rundi rukino rwabaye igihe c’isaha icumi n’imwe, umurwi Messager Ngozi watsinze umurwi Musongati FC w’i Gitega, ibitsindo bitatu kuri kimwe.
Bitegekanijwe ko kur’uyu wa gatanu, inkino ziza kubandanya, isaha icenda umurwi Ngozi City ukina na Flambeau du Centre wo mu ntara ya Gitega, mu gihe isaha icumi n’imwe ,umurwi Aigle Noir uza gukina na Messager Bujumbura.
MUGISHA Van Naris
Messages
5 janvier 2018, 18:24, par AARONI
NITERIBERÈ