Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Ngozi : Thomas na Annociatte berekanye ko urukundo nyarwo ruzira amaso (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Utuntu n’utundi > Urukundo > Ngozi : Thomas na Annociatte berekanye ko urukundo nyarwo ruzira amaso (...)

Ngozi : Thomas na Annociatte berekanye ko urukundo nyarwo ruzira amaso n’amatwi

samedi 12 Myandagaro 2017

Inkuru iriko ivugwa cane mu gisagara ca Ngozi, ni ubugeni bw’umusore Munezero Thomas n’umwigeme Annociatte Munezero. Icatangaje cane muri urwo rugo rushasha, n’uko umwigeme Annociatte asanzwe ari mugufi cane.

Aho mu kibano hari abashaka gukumira abantu bafise ubugufi burenze (igitandara canke igikuri), bigashika naho babifata nk’ubumuga, hari n’abandi babona ko mwene abo bantu bameze nk’abandi.

Muri abo, harimwo umusore Munezero Thomas w’i Ngozi, yaraye yerekanye ko urukundo nyarwo rutagira amaso, rutagira amatwi, ahubwo ari ugukurikiza intumbero y’umutima. Ivyo yavyerekanye mu kwandikisha ubugeni bwiwe na Annociatte imbere y’abaserukira Reta imbere n’amategeko agenga ingo n’imiryango.

Ntibigarukira aho, kuko kuri uwu w’agatandatu igenekerezo rya 12 Myandagaro 2017, ariho Thomas na Annociatte baza gusezerana mw’ishengero. Mu masaha makeyi, imisa yo kubahezagira ibera muri Chapelle Don Bosco i Ngozi, n’imihezagiro y’imiryango hamwe n’abagenzi babo bibera muri ico kibanza nyene.

Tubamenyeshe ko Annociatte Munezero asanzwe ari umumenyeshamakuru ku nsamirizi Umuco Fm, mu gisata c’amakuru n’ibiganiro. Ikindi n’uko Annociatte, ahejeje Kaminuza y’i Ngozi mu gisata c’indome n’ivyigwa vy’imibereho y’abantu " Lettres et Sciences Humaines".

Munezero Thomas nawe asanzwe aba i Ngozi nyene, nawe yahejeje amashuri mu bijanye n’ukwubaka akaba ari navyo asanzwe akora. Ikinyamakuru IGIHE kibipfurije urugo ruhire.


Cherif NKESHIMANA

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.