Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Nicolas Sarkozy yemeye ko yatsinzwe - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu makungu > Nicolas Sarkozy yemeye ko yatsinzwe

Nicolas Sarkozy yemeye ko yatsinzwe

lundi 21 Munyonyo 2016, par Egide NDUWIMANA

Francois Fillon yahoze ari umushikiranganji wa mbere w’Ubufaransa, asa n’uwuriko afata ikibanza ca mbere mu matora y’ibanze, mu mugambwe w’aba conservateur, amatora ategura ay’umukuru w’igihugu mu Bufaransa.

Mw’ihiganwa rya mbere, Francois Fillon yatahukanye ibice mirongo ine na bine kw’ijana vy’amajwi, Alain Juppe nawe nyene yahoze ari umushikiranganji wa mbere w’Ubufaransa afise ibice mirongo ibiri n’umunani kw’ijana, Nicolas Sarkozy yahoze atwara Ubufaransa akagira ibice mirongo ibiri na kimwe kw’ijana.

Mu gihe atagihindutse muri ivyo biharuro, Francois Fillon na Alain Juppe bazoca bahurira mw’ihiganwa rya nyuma rizoba ku w’Imana uza, rikazovamwo uwiyamamariza ikibanza c’Umukuru w’igihugu mu matora azoba mu mwaka uza, nk’uko VOA ibivuga.

JPEG - 84.4 ko
Francois Fillon yahoze ari umushikiranganji wa mbere w’Ubufaransa

Muri ayo matora y’ibanze, Nicolas Sarkozy aza yatangaje ko yemeye ko yatsinzwe, akaba kandi yashikirije ko ashigikiye Francois Fillon.

Iyo myiyamamazo yaranzwe n’ibibazo vy’abimukira biteye amakenga abatari bake mu bihugu vya Buraya, hamwe n’ibitero vy’aba Dhihadiste bimaze iminsi vyiha inkumbi mu Bufaransa.

Inyuma y’isohoka ry’Ubwongereza mw’ishirahamwe ry’ibihugu vya Buraya, n’intsinzi ya Donald Trump mu matora y’Umukuru w’Igihugu muri Reta zunze ubumwe za Amerika, imyiyamamazo y’umukuru w’igihugu mu Bufaransa nayo isa n’iyiriko irashira ahabona ivyiyumviro vya bamwe n’abandi.


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.