Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Nigeria: Abantu bane bapfuye bahitanywe n’ibombe - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Nigeria: Abantu bane bapfuye bahitanywe n’ibombe

Nigeria: Abantu bane bapfuye bahitanywe n’ibombe

mercredi 22 Ntwarante 2017

Igipolisi mu gihugu ca Nijeriya kimenyesha ko abantu bane bitavye Imana, 18 barakomereka mu gitero ca bombe cabereye hafi y’igisagara ca Maiduguri, mu buraruko bw’igihugu .

Amakuru dukesha iradiyo y’abongereza BBC amenyesha ko ivyo bibombe vyatewe mw’ikambi y ‘abateshejwe izabo iri mu gisagara ca Maiduguri.

Abantu baba muri ako gace babwiye iradiyo y’abongereza BBC ko bumvise ibintu bitatu biturika, bibiri vyaturikiye mw’ikambi, ikindi kimwe giturikira muri karitiye yegereye ikambi iri hafi y’ahitwa Muna.

Abategetsi mu gihugu ca Nijeriya bamenyesha bibaza ko vyoba vyakozwe n’abarwanyi b’umurwi w’abihevyi b’abaIslamu Boko Haram,naho ata vyemezo biraboneka.


IGIHE

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.