Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Nigeria : Ibikorwa vy’umukuru w’igihugu vyahawe vy’imfatakibanza (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Nigeria : Ibikorwa vy’umukuru w’igihugu vyahawe vy’imfatakibanza (...)

Nigeria : Ibikorwa vy’umukuru w’igihugu vyahawe vy’imfatakibanza uwundi

lundi 8 Rusama 2017, par Egide NDUWIMANA

Igihugu ca Nigeria kiramutswa vy’imfatakibanza Yemi Osinbajo, icegera c’umukuru w’ico gihugu, akaba ariwe akoreye mu ngata Muhammadu Buhari, umukuru w’igihugu ca Nigeria yagiye mu Bwongereza kwivuza.

Uwo mukuru w’igihugu w’imyaka 75 yaheruka kumara amezi abiri mu gisagara ca Londres, mu gihugu c’Ubwongereza, akaba yari yaramenyesheje umunsi agaruka, ko ashobora kwongera gukenera kwisuzumisha gushasha.

JPEG - 213.9 ko
Muhammadu Buhari, umukuru w’igihugu ca Nigeria yagiye mu Bwongereza kwivuza

Nk’uko tubikesha BBC, ku ncuro nke yagiye ahabona mu kwezi kwa gatatu, yagaragara ko afise amagara make, bikaboneka ko atamerewe neza.

Ku kibazo c’ukumenya ryari azotahuka avuye kwivuza mu Bwongereza, umuvugizi w’umukuru w’igihugu yamenyesheje ko ivyo bizomenyeshwa hanyuma, bivanye n’ingene abaganga bazosanga amagara y’uwo mukuru w’igihugu yifashe.


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.