Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Nigeria: Papa Francois yagabishije abapatiri banse kwemera Musenyeri (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu makungu > Nigeria: Papa Francois yagabishije abapatiri banse kwemera Musenyeri (...)

Nigeria: Papa Francois yagabishije abapatiri banse kwemera Musenyeri yagenye

lundi 12 Ruheshi 2017

Papa Francois yavuze ko mu gihe abapatiri batazokwemera musenyeri Peter Ebere Okpaleke amaze imyaka itanu yaragenywe kubarongora azoca abirukana.

Abapatiri bo mu gace ka Ahiara mu gihugu ca Nigeria banse kuyoboka Musenyeri Peter Ebere Okpaleke yagenywe na Papa Fracois bavuga ko ava mu bwoko batipfuza.

Abakirisu bo muri iyo diyoseze ya Ahiara bari basavye Papa Francois ko yogena umusenyeri wo mu muryango w’aba Mbaise.

Ku bwabo banyeshengero ba katolika ,ntivyumvikana ingene batari bwaronke umusenyeri avuye muri uwo muryango yagenywe kurongora diyoseze yabo.


MUGISHA Van Naris

Messages

  • Hahahahaha,
    L’Occident ntirategera ko Afrika yamaze kwikangura, ubukoroni ubwaribwo bwose butakigira ikibanza. Urukiza ruzova muri Afrika. Uwo mu Papa aho kwiyumvira igituma abo bapadiri banka uwu musenyeri, ariko atera ubwoba ngo aca abakura. Hahahaha.

  • Harakwiye kuba revolution catholique, tukimika umupapa w’umunyafrika, ako gasuzuguro kagahagarara! Ni naba nibeshe murambwira!

  • None baremerako mu mategeko agenga Ekleziya catholika ico gikorwa co kugena abasenyeri ari Nyenubweranda Papa agifitiye uburenganzira? Ikindi nagira ko ari abihebeye Imana batahura neza ijambo ry’Imana bari kumenyako hari ubwoko bumwe gusa kw’isi: UBWOKO BW’IMANA kuko Imana yaremye umuntu imwishushanyako. Ndibaza ico bigisha abakristu babo mugihe baba bafise ivyo vyiyumviro.Mbe ko ubuzima tuniganira ngaha kw’isi ari ubuhera, mu buzima buzokurikira kuwemera hari amoko azoba ariyo?Nibaba bashaka kwiyonkora kuri autorité du Pape(sibo bazoba babaye aba mbere), nibabigire ukundi bahindure idini baje muzindi zigenga kuko ni nyinshi .Ubutumwa ntibuzobura kubandanya. IBINTU VYARACANGANYE ntawukimenya itandukaniro riri hagati y’abememera n’abatemera. Abo nabo bafata umwanya wo gucira urubanza umukuru wa Ekleziya catholika_kenshi batanayiyoboka_ntaco bibafasha. Ko Papa aba umwirabure canke umunyafrika, umunya aziya,umunyamerika canke umunyaburaya canke umunya oseyaniya sico kibazo.Ikibazo ni ko yoba arangwa n’ubweranda.Ibisigaye Imana iravyikorera.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.