Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Nigeria : Umuceri ukozwe muri "Plastique" wafashwe ugira udandazwe ku (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Nigeria : Umuceri ukozwe muri "Plastique" wafashwe ugira udandazwe ku (...)

Nigeria : Umuceri ukozwe muri "Plastique" wafashwe ugira udandazwe ku biteguriye iminsi mikuru

jeudi 22 Kigarama 2016, par Egide NDUWIMANA

Haruna mamudu asanzwe ariwe arongoye igisata c’amakori mu gisagara ca Lagos, mu gihugu ca Nigeria, yamenyesheje ko hafashwe umuceri ukozwe muri "Plastique".

Uwo arongoye igisata kijejwe gutoza amakori yavuze ko ivyo vyari vyiswe umuceri vyari bigenewe kugurishwa nk’umuceri w’ukuri, mw’isoko, muri ibi bihe vy’iminsi mikuru ya Noweri n’umwaka mushasha.

Abafashe uwo "muceri" ungana n’amatoni abiri n’igice bavuga ko ata kintu na kimwe cari kwerekana ko atariwo, kuko usa n’iyindi miceri, kandi ko uwukozeko ataco wohinyura. Akamoto kawo akaba ariko katumwe bawikeka. Nk’uko babimenyesha, uwutetse uramata, bakavuga ko atawuzi icari gukurikira iyo abanyagihugu bawihereza mu kuwufungura.

Amatohoza ariko arakogwa kugira hamenyekane uwoba umaze kugurishwa n’ingene ungana, hamwe n’iyo iyo "miceri" iva.

Iyo "miceri" ikozwe muri "Plastique" yari mu mifuko yanditseko "Best tomato rice".


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.