Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Nijeriya : Abakirisu 14 bishwe barashwe bavuye gusenga
Nijeriya : Abakirisu 14 bishwe barashwe bavuye gusenga
mardi 2 janvier 2018
Amakuru dukesha ikinyamakuru Ijwi rya Amerika, umuriro w’amasasu wumvikaniye mu gisagara ca Omoku, ku birometero 90 vy’igisagara Port Harcourt muri Reta ya Rivers ahari amahinguriro menshi y’ibitoro.Ayo masasu yahitanye abantu 14 nayo 12 barakomereka.
Ugochi Olugbo, umuvyeyi w’uwahitanywe n’igitero, avuga ati : « Abantu bitwaje ibirwanisho bakije umuriro ku bakirisu bariko barasenga mw’ijoro nk’isaha zitandatu n’igice :»
Nnandi Omoni, uwujejwe igisata co kumenyesha amakuru mu giporisi avuga ko uruhigi rw’abishe abo bakirisu ruriko rurakorwa kugira bafatwe bashikirizwe ubutungane.
Uwo ajejwe kumenyesha amakuru mu giporisi ca Nijeriya, avuga kandi ko igitigiri ntabanduka c’abahitanywe n’ubwo bwicanyi kitaramenyekana.
Naho isanganywe amahinguriro y’igitoto, Reta ya Rivers yugarijwe n’ubukene budasanzwe, imigwi myinshi y’abagizi ba nabi ikaba igisibije.
BUKURU Pacifique