Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Nijeriya:Abarwanyi ba Boko Haram bateye ishure ry’abigeme - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Nijeriya:Abarwanyi ba Boko Haram bateye ishure ry’abigeme

Nijeriya:Abarwanyi ba Boko Haram bateye ishure ry’abigeme

mardi 20 février 2018

Amakuru dukesha iradiyo y’abongereza BBC, abo barwanyi ba Boko Haram baje bari mu miduga bashikiriye iryo shure, baca batangura kurasa amasasu menshi hamwe no gutera ibisasu biturika.

Ayo makuru avuga ko abigisha hamwe n’abigeme biga kuri iryo shure birutse bose barahunga.

Abanyagihugu baba aho i Dapchi bavuga ko abo barwanyi ba Boko Haram bari bafise umugambi wo gufata abo bigeme, kugira babajane.

Bivugwako abo bagwanyi babonye ata muntu numwe ari kuri iryo shure baciye bagenda bivye urukombamazai iryo shure.

Mu kwezi kwa Ndamukiza umwaka wa 2014, umurwi Boko Haram warateye ishure rya Chibok wongera utwara abigeme biryo shure bashika 270 bakaba barakoreshejwe ibikorwa biruhije abandi nabo bagirwa abagore n’abo barwanyi.

Mu kwezi kwa Nyakanga 2017 abigeme bashika 100 muri abo 270 bari barafashwe,barashoboye kugarukanwa mu miryango yabo mu mugambi utumvikanyweko na bose mu gihugu ca Nijeriya wo guhana abapfungwa hagati ya Reta n’abarwanyi ba Boko Haram.

Uwo mugambi watumye bamwe mu bakuru b’umurwi Boko Haram barekurwa ariko abigeme bashika 100 n’ubu baracari mu minwe y’umurwi wa Boko Haram.


BIKORIMANA Vianney

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.