Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Norvège igihugu ca mbere kw’isi abakibamwo babayeho mu munezero - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Utuntu n’utundi > Norvège igihugu ca mbere kw’isi abakibamwo babayeho mu munezero

Norvège igihugu ca mbere kw’isi abakibamwo babayeho mu munezero

mardi 21 Ntwarante 2017

Icegeranyo c’ishirahamwe mpuzamakungu ONU ku bijanye n’igihugu abantu babayeho mu munezero cerekana ko igihugu ca Norvège arico gihugu ca mbere kw’isi abantu banezerwa kurusha abandi.

Nkuko ikigo kigenzura ukuryohegwa kw’isi "World Happiness Report"gipima bitanashingiye ku kuri imibereho, kivuga ingene abantu baryohewe mu bihugu bitandukanye n’igituma baryoherwa kurusha abandi.

Ibihugu vya Danemark, Islande, Ubuswise na Finlande n’ivyo bihugu bitanu vya mbere kw’isi abantu baho baryoherwa, mu gihe igihugu ca Repubulika ya Centrafrique ari ica nyuma mu kuryoherwa.

Umugabane wa Buraya , igice co mu burengero hamwe na Amerika yo mu buraruko nivyo bihugu biri mu vya mbere kw’isi, igihugu ca Reta Zunze Ubumwe za Amerika kikaza mu kibanza ca 14, Ubwongereza mu kibanza ca 19.

Mu karere ka Afrika y’ubuseruko, igihugu ca mbere abanyagihugu banezerewe kurusha ahandi ni Kenya (112) hagakurikira Ubuganda (133), Urwanda (151), Tanzania (153), hagahereza Uburundiu (154) ku bihugu 155 vyakozwemwo amatohoza.

Igihugu ca Norvège gikuye muri ico kibanza igihugu ca Danemark.


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.