Accueil > Amakuru > Poritike > ’’Nta caha na kimwe nakoze mu kuvuga Oya.’’-Hon. RWASA Agathon
’’Nta caha na kimwe nakoze mu kuvuga Oya.’’-Hon. RWASA Agathon
lundi 21 mai 2018
Mu kiganiro yahaye iradiyo Ijwi rya Amerika, umushingamateka RWASA Agathon, arongoye Urunani rw’Abigenga Amizero y’Abarundi avuga ko ata caha na kimwe yagira, mu kuba yarerekanye aho ahagaze kw’ihinyanyurwa ry’ibwirizwa nshingiro.
Umushingamateka RWASA Agathon avuga ko abasaba ko apfungwa ari iterabwoba bariko baragira, kandi ko ataho rishingiye, ata nico rivuze, ahubwo mbere bisa n’ukwimaramaza.
Muri ico kiganiro, umukuru w’Urunani rw’Abigenga Amizero y’Abarundi, avuga ko ibiriko biba mu Burundi biteye isoni n’agahinda, kuko bitumvikana igituma hoba abahagarikwa bagirizwa gutora Oya canke kuja mu myiyamamazo yo kwigisha gutora Oya.
- Umushingamateka RWASA Agathon, arongoye Urunani rw’Abigenga Amizero y’Abarundi
Umushingamateka RWASA Agathon, avuga ko ata murundi akwiye guhanwa kubera yatoye Oya, canke akurikiranwe kubera ivyiyumviro vyiwe, mu gihe twemera ko igihugu kiri mu ntwaro rusangi.
Mwomenya ko, umushingamateka RWASA Agathon, arongoye urunani rw’Abigenga Amizero y’Abarundi yamaze kumenyesha ko mu Runani arongoye batazokwemera ibizova mu matora yo kwemeza canke guhakana ibwirizwa nshingiro kuko yaranzwe n’utunenge.
Mu mugambwe FNL urongowe na Yakobo BIRIMANA, hamwe no mu mugambwe UPRONA bobo baramaze kwemera ivyavuye mu matora, bakavuga ko ayo matora yo kwemeza canke guhakana ibwirizwa nshingiro yagenze neza mu gihugu cose.
MUGISHA Van Naris
Messages
21 mai 2018, 12:19, par Wilfred.
Kwisi Mwijuru hari Imana imwe ihoraho. mwebwe mwize natwe tutize twitwa ivyaremwe vyayo. Abami bose bokwisi bashigwaho nawe siko biri. mwibuke ayo Kora na Detani babonye soma bibliya yera mupfa ubusa Abize muri beshi ariko tukeneye Perezida umwe twitoreye kugira ntitwihende tubaza Imana yacu. simwese muzoba aba Perezida Abatoye Ego nibeshi abatoye Oya nibake nimwemere ikigereceko siguza Imana. bake mutogira ubwoba beshi nabo gute ? muri Demokaras Abanyagihugu mumatora turi abacamanza bukuri amakenga nahere 2020 muzoze kumitumba mwirabire. reka gutuma turafise ibibazo tuzobabaza.
21 mai 2018, 13:08, par ndayiragije
Andika hano rwasa ahendwa nabarya bahunze kugira umugambi wogutembagaza ubutegetsi 2015 bari bateguye ntibakwirikiranwe nubutungane ihi bambewe nibatatwe iyo bari hose barenguke iburundi ubucamanza bukore akazi kabwo kandi na rwasa afatwe
21 mai 2018, 13:41, par Jearm
Komera Kumuheto Nyenicubahiro Mutama Wacu Abo Bafis Imigambi Yo Kwa Satani Ntaho Bazoshika Murikumwe N’imana Yomwijuru Abo Baryohew Nubusuma Bakoz Mukutwiba Ariko Ivyo Bakora Vyose Bitebe Bitebuke Bazovyishura Kandi Vuba Cane Kuko Jacque Avugivyo Kuko Ari Munyo Ya Cndd Fdd Arik Nibarindir Tuzobereka Ico Turi.
21 mai 2018, 13:49, par Bugaboburihabwa
Komera Nyenicubahiro Mutama Wacu !Abo Bakwanka Tuzoraba Aho Baguca Badashaka Ko Tubabagira Ibisiga Bazorabe Kuko Ingwe Uyisomborokeje Irakwivuna
21 mai 2018, 15:07, par Mama
Rwasa Agathon, kubawarigishije ngwabarundi ntibatore ibwirizwashingiro ntangirane kuko ariko vyarabonekana ko ariwewe uriko urerekana ahubwengebwawe bugarukira nokwimaramaza wewe ubwawe nabomwarikumwe, ibibabaje bizoteba bikananirana kwihanganira nukwokutemera gutsindwa kandiwumva abahaniwe amakoshayabobakoze ukaca wigamba ngonuwawe ! Noneburya wewe hsrahuhuriye nabashaka gutora kabiri ?
21 mai 2018, 16:52, par Mandela
Jewe numva iyo hatabaho gutora Oya ntabwo yarikuba ari Demukarisi uwuvuga ngo abatoye Oy bafungwe ntazi ivyavuga ahubwo ni umugumutsi nuko yabivuze nabony ameze nkuwataye umutwe ntamuntu yize yavuga amajambo nkarya atagira urupfasoni
21 mai 2018, 17:35, par Baziruwa Emmanuel
Komera ntakibi nakimwe uravuga ntuvura ariko nta joro ridaca imvungakuri nticike intege Igor kizogera
21 mai 2018, 17:55, par kabuga
Nagira mbamenyeshe ko Imana yamaze guhimwa n’intwaro zitowe n’abana b’abantu ikaba iheruka kumenyesha ugiye kurongora uburundi atazohereza abarundi ku gafuni. Demokarasi ni intwaro iryanisha kandi ntabwo ibuza kugarukana za ntwaro ryogora ubone nk’uko tubibona uno musi. Intwaro iva ku Mana ico tuyibonerako n’uko ikora ivyo Imana igomba : Kutica, kudaca iza ngondagonde, kwirinda amacakubiri, kutaryanisha abantu, kwiba, gusambanya abantu mu kubaha akazi, kuraguza, n’ibindi.
Mbarize ko koko Nkurunziza yarungitswe n’Imana kuza kugendera ku mugongo w’abarundi ?
21 mai 2018, 21:20, par casimil
ewe mutama ntitwaseko wigishije gutora oya nuko oya itazopfa bitsinze kugera yesu agarutse mutama wihangane imana yaraseko oya ijahejuru ya ego imana yashize hejuru ego ego ego ego
21 mai 2018, 23:31, par Mama
Komera mutama ntuhire ubwoba Kuko turakomeza guhendahenda ababiligi bakomeze gushigikira abantu bamezenkamwe.
22 mai 2018, 09:40, par eric
EREGA WEW WATEGEREZWAKUVYANKA BIRAZWI UKO
22 mai 2018, 16:49, par B.RENE
Benewacu nkunda nabumvirije nsanga ntimuzi ico imana idushakako nimwitonde mukuvuga ntimuze muhanwe mutazi ivyo mwavuze, kimwe nobamenyesha n’uko imana yacu, ari umunyakigongwe, none nibaharire mwavuze ico mutazi.nimwirinde kuvuga ibitagira mvura.gutora ego canke oya mwebwe muzungukiki ? kimwe gusa nimusonere izina ry’Imana.
22 mai 2018, 21:28, par Nyabenda Manweri
Andika hano Amahro Gwasa Ndagushimira Ko Wanyuranije Ntawokundwa Nabose Ariko Mumenye Ko Abantu Bakwanse Imana Itakwanse Atakintunakimwe Bashobora Kukugira Kuko Uba Uri Mukubokokw’ Imana Haburana Babiri Hagatsinda Umwe Mwemere Aho Intahe Ishize Nkabakunda Igihugu Murakoze.
13 juin 2018, 21:46, par Deo
Komera Uvuga Oya Uvuga Ego Bose Ntaciza Barondera Banyagihugu Atari Inda Zabo