Accueil > Amakuru > u Burundi > "Nta mugambi wa vuba w’ugutanga akazi ku bitaro vy’abasirikare uhari" - Col (...)
"Nta mugambi wa vuba w’ugutanga akazi ku bitaro vy’abasirikare uhari" - Col BARATUZA
mardi 17 Gitugutu 2017, par
Inyuma y’aho ibitaro vy’abasirikare vyugururiye inyukabwa nshasha y’ukwakira abavyeyi hamwe n’abana, hari abantu bagenda barabwira abandi ko kuri ivyo bitaro bariko baratanga akazi k’abaganga. Ayo makuru nyene y’itangwa ry’ako kazi arakwiragizwa no ku mbuga ngurukanabumenyi. Mu bushikiranganji bw’ukwivuna abansi barabeshuza ayo makuru.
Colonel Gaspard BARATUZA, umuvugizi w’igisirikare c’Uburundi amenyesha ko ayo makuru atariyo, agasaba ko ata munyagihugu yojuragizwa n’abatanga ayo makuru bashobora kuba ari abasuma.
Mu gisirikare c’Uburundi bavuga ko ata n’umugambi uhari wa vuba w’ukurondera abakozi ku bitaro vy’abasirikare mu Kamenge.
- "Nta n’umugambi uhari wa vuba w’ugutanga akazi ku bitaro vy’abasirikare" Colonel Gaspard BARATUZA
Egide NDUWIMANA