Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Ntahiraja:’’ Icegeranyo c’abahinga ba ONU kirimwo ibinyoma’’ - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Ntahiraja:’’ Icegeranyo c’abahinga ba ONU kirimwo ibinyoma’’

Ntahiraja:’’ Icegeranyo c’abahinga ba ONU kirimwo ibinyoma’’

mercredi 8 Ruhuhuma 2017

Umwunganizi w’umushikiranagnji w’intwaro yo hagati mu gihugu Therence NTAHIRAJA amenyesha ko icegeranyo cashikirijwe n’abahinga b’ishirahamwe mpuzamakungu ONU ku bijanye n’agateka ka zina muntu mu Burundi ari ibinyoma.

Therence NTAHIRAJA amenyesha ko atari irya mbere hasohoka ivyegeranyo bivuga ibitarivyo ku Burundi,kuko kuva imbere y’amatora yabaye mu mwaka wa 2015 ivyegeranyo nkivyo vyarasohotse.

Umwunganizi w’umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu, n’inyigisho zo gukundisha igihugu amenyesha ko agateka ka zina muntu kubahirijwe mu Burundi,bafatiye ku bapfungwa barenga 2500 baheruka kurekurwa kubera ikigongwe c’umukuru w’igihugu.

Ku bijanye n’itegeko rishasha rigenga amashirahamwe adaharanira ivyicaro vya politike yo hanze canke yo mu gihugu, Therence NTAHIRAJA amenyesha ko bashaka ko ayo mashirahamwe akorera mu muco yubahiriza amategeko ayagenga.


IGIHE

Messages

  • UN itugombawo iki.. abo nabakozi ba kagome....

  • Ntahiraja uriko uravuga yuko ivyo ONU yashikirije aribinyoma? sha nibakureke urumwicanyi karuhariwe! biboneka abirirwa baricwa ntacobigutwaye. Birazwi ntamwicanyi azigera yemera kwariko arica, bitebe bitebuke muzovyemera kazima ibikorwa bikorwa izuba ryaka, nibikorwa mwijoro mbona bimenyekana, riko mwaramaze nkwikura kwagashambara ntacomucera.

  • ONU ivuga ukuri none ubwicanyi bubandanya kuba ushaka ngo ivyegeranyo ntibikorwe?mu nyuma ni i la Haye aba DD bakubitwe intahe mu gahanga,bravo ONU, bravo Union Europeene turabashigikiye

  • @free my country, nkubwo President w’u Rwanda umuzanye gute mu bibazo vy’u Burundi na ONU?u Rwanda rwaradusize kure,nta mwanya w’umucafu w’Abarundi bafise, ujinga mzigo

  • Kuvuga kwabantu bapfa turavyemera ikibazo nuko iyobariko baravuga ukwobapfa baterekana ukuri mbere bicabitwereka kwababica nabashigikira.
    Natwe uwotuzoza turafata yakoze amabi tuzomuhana twihanukiriye ntituzotinya ngonuko bashigikiwe nabiyita ngonabahinga ba ONU nakare turimugihe cogushaka ko ikivyimba comeneka ahovyakabereye nikera.

  • Bakagame , Ubu Birigi Bafise Inkuru Bahabwa Na Cnard Kubera Arabakozi Babo , Bagaca Bavuga Ibinyoma . Ntakuri Kwa Cnard !!!

  • @Nema nyakuranduka,uzana gute igihangange nka Nyakubahwa Kagamé mu bucafu bwacu Abarundi,tubandanye twicane entre Nous les Burundais, tureke u Rwanda rubandanye rutera imbere

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.