Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Nyabugete Beach Festival ni kuri uwu wa gatanu - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > Igiteramo > Nyabugete Beach Festival ni kuri uwu wa gatanu

Nyabugete Beach Festival ni kuri uwu wa gatanu

jeudi 10 Myandagaro 2017, par Egide NDUWIMANA

Mu kiganiro n’abamenyeshamakuru, umurwi ariko utegura isabukuru Nyabugete Beach "Summer Festival" ugizwe na Alexis batazira Obama, André, Darlene Sara na Memba, bamenyesha ko iyo sabukuru ahanini ifise intumbero zibiri : ubwa mbere, isabukuru izorondera impano z’abaririmvyi bataramenyekana, maze bashirwe hamwe n’inzobere zimaze kwandika amateka muri ico gisata. Iruhande yo kwerekana ishusho nziza y’igihugu mu kwegeranya abantu batari bake mu munezero, abagwizatunga bazoshobora kwerekana ivyo bakora banadandaze, nk’uko bivugwa n’abariko bategura iyo sabukuru.

Ivyo vyose bizobera kuri Nyabugete Beach, aho abaririmvyi Big Fizzo, Lolilo, Black-G, Bidondo, Clémentine, Dr Claude na Jeez B bazobica bicike. Si abo gusa, nk’uko bivugwa n’abaremesheje ico kiganiro, ku rutonde hari utugenegene twinshi mu ntumbero yo kuryohera isinzi ry’abantu rizoba ryitavye iyo sabukuru.

Tubibutse ko Nyabugete Beach izotangura kuri uwu wa gatanu igenekerezo rya 11 Myandagaro gushika kw’igenekerezo rya 13 ukwo kwezi nyene, kuva isaha zitanu z’agatondo. Ibisabwa vyose kugira isabukuru irangwe n’umunezero n’ibikorwa vyamaze gushirwa mu ngiro, nk’uko vyemezwa n’umurwi uriko urayitegura.

Kwinjira muri iyo sabukuru ni amafaranga ibihumbi bibiri v’amarundi.


Cherif NKESHIMANA

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.