Accueil > Amakuru > Mu makungu > Nyamugigima mu gihugu c’Ubutariyano
Nyamugigima mu gihugu c’Ubutariyano
lundi 31 Gitugutu 2016, par
Inyubakwa zitari nke zasambutse izindi zirononekara, harimwo n’urusengero rwa Basilika yititiriwe Benedicto mweranda ruri mu gisagara ca Norcia. Amasanamu y’imboneshakure y’igihugu c’Ubutariyano yerekana ababikira n’abapatiri bakoraniye hanze mu kibuga.
Umukuru w’akarere ka Ussika kari hafi y’aho, Marco Rinaldi, yavuze ko yabonye umwotsi uduga igihe ibintu vyose vyasenyuka iruhande yiwe.
Amakuru ava muri ako karere, nk’uko tubikesha BBC, amenyesha ko igisigara ca Amatrice, ari naco cahuye n’akaga kurusha ahandi igihe haca nyamugigima mu kwezi kw’umunani, congeye gukorwako n’iyi nyamugigima y’ubu.
Iyo nyamugigima yadutse nk’igihe c’isaha imwe n’iminota mirongo ine mu masaha yo mu Butaliyano, yaturutse mu bumanuko bushira ubuseruko bw’igisagara ca Perugia.
Yumvikanye kuva Puglisa mu bumanuko kugera Alto Adige mu buraruko.
IGIHE
Messages
31 Gitugutu 2016, 10:02, par janvier
nimumisi yanyuma yesu agiye kuza
1er Munyonyo 2016, 04:23, par Niyonkuru
Ni Ibimenyetso vy’ibihe.Yezu agiy kugaruka.twitegur kumusanganira nk’umwami.