IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > OBR iragabisha ku busuma bukorwa n’abiyitirira umuyobozi w’urwego (...)

OBR iragabisha ku busuma bukorwa n’abiyitirira umuyobozi w’urwego nshingwantwaro

jeudi 1er Ntwarante 2018, par Egide NDUWIMANA

Mw’itangazo OBR yasohoye kuri uwu wa kane igenekerezo rya mbere Ntwarante 2018, ryateweko umukono na Audace NIYONZIMA, umuyobozi mukuru wa OBR, bibutsa ko uwo muhora wa Facebook wa Olivier SUGURU, umuyobozi w’urwego nshingwantwaro rwa OBR atariwo, kandi ko uwo muyobozi adakoresha umuhora wa Facebook.

OBR yibutsa kandi ko mu gutanga akazi muri ico kigo, ata mafaranga asabwa. Mu kigo kijejwe kwegeranya amakori ya Reta bamenyesha ko amatangazo y’ugutanga akazi muri ico kigo acishwa ku bimenyeshamakuru vyemewe n’amategeko, hamwe no ku rubuga ngurukanabumenyi rwa OBR arirwo www.obr.bi

OBR isaba uwobona uwuriko asaba amafaranga abanyagihugu abemerera akazi muri ico kigo, ko yohamagara ku murongo utariha ariwo 500, canke akitura ahakorera OBR hamwegereye.


Egide NDUWIMANA

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.