Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Reta yasabwe kwongereza ikiringo co kutariha amakori ku bidandazwa vya (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ubudandaji > Reta yasabwe kwongereza ikiringo co kutariha amakori ku bidandazwa vya (...)

Reta yasabwe kwongereza ikiringo co kutariha amakori ku bidandazwa vya nkenerwa

mardi 16 Rusama 2017

Mw’itangazo ry’ishirahamwe OLUCOME, iryo shirahamwe rimenyesha ko kugira kudatangishwa ikori ku bidandazwa vya nkenerwa bigire akamaro kaboneka ku buzima bw’umunyagihugu, ari uko Reta ifatiye kw’igenekerezo rya 27 ukwezi kwa Ndamukiza umwaka wa 2017, yokwongera iminsi ku mezi atatu ategekanijwe.

Ishirahamwe OLUCOME risaba kandi Inama nshingamateka na nkenguzamateka gushiraho umurwi ugizwe n’abashingamateka n’abakenguzamateka, wokurikirana ishirwa mu ngiro ry’itegeko ryo kudatangisha amakori ku bidandazwa vya nkenerwa, kugira ntihagire abikika mu kiza.

Muri iryo tangazo, ishirahamwe OLUCOME risaba kandi inama nshingamateka na nkenguzamateka gusaba ko hoba amatohoza ku bijanye n’ingene bakura amakori ku bidandazwa bimwe bimwe mu kigo kijejwe kwegeranya amakori n’amatagisi OBR , hamwe n’ikigo kijejwe guteza imbere abanyamitahe API.

Ibidandazwa bitazoriha amakori muri aya mezi atatu gushika kw’igenekerezo rya 27 Mukakaro umwaka wa 2017 ni inyumbati, ifu y’imyumbati, intete z’ibigori, ifu y’ibigori, umuceri hamwe n’ibihagage vyumye.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.