Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
OLUCOME isaba ko ikiringo co kutariha ikori ku bidandazwa vya nkenerwa (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ubudandaji > OLUCOME isaba ko ikiringo co kutariha ikori ku bidandazwa vya nkenerwa (...)

OLUCOME isaba ko ikiringo co kutariha ikori ku bidandazwa vya nkenerwa congerezwa

jeudi 18 Rusama 2017

Nk’uko biri mw’itangazo ry’ishirahamwe OLUCOME ryo kuwa kabiri igenekerezo rya 16 Rusama,umwaka wa 2017, ishirahamwe OLUCOME rimenyesha ko ikiringo congerejwe vyofasha vy’ukuri kurwanya inzara no gufungura nabi.

Muri iryo tangazo,ishirahamwe OLUCOME rimenyesha ko hoba habaye akarenganyo mu gihe, abadandaza bosaba kwishurwa amakori barishe mu gihe itegeko ryari ryamaze gushirwako umukono ariko ritaraja mu ngiro, kandi abanyagihugu ata karusho barikuyemwo.

Ishirahamwe ryishinze kurwanya igiturire n’abasesagura amatunga ya Reta OLUCOME risaba inama nshingamateka na nkenguzamateka gukurikiranira hafi ko ibidandazwa vyakuweko amakori biriko biragurishwa, kandi ko ata bikika mu kiza ngo ubutunzi bw’igihugu bunyuruzwe.

Mw’itegeko ry’umushikiranganji ryo kuwa 12 Rusama,umwaka wa 2017 rishira ahabona ibidandazwa bitandatu bitarihishwa ikori kuva kw’igenekerezo rya 27 Ndamukiza, gushika kurya 27 Mukakaro,umwaka wa 2017.

Ivyo bidandazwa ni ibiharage, ibigori vyumye, umuceri, ifu y’ibigori, ifu y’imyumbati, hamwe n’imyumbati.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.