IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > ishirahamwe > OLUCOME isaba umufasha w’umuhuza gutumako ibiganiro mu maguru (...)

OLUCOME isaba umufasha w’umuhuza gutumako ibiganiro mu maguru masha

vendredi 25 mai 2018

Mw’ikete umukuru w’ishirahamwe OLUCOME, Gabriel RUFYIRI yandikiye umufasha w’umuhuza, Benjamin Mkapa, amenyesha ko amatora y’ibwirizwa nshingiro yabaye hatabajijwe impande zose, vyunyurwa n’uko ata gihugu na kimwe canke ishirahamwe mpuzamakungu ryarungitse abakurikirana ayo matora, gushika naho hari ibihugu vyanse ko ayo matora abera ku butaka bwavyo.

Ishirahamwe OLUCOME rimenyesha ko, kuba amashirahamwe mpuzamakungu, ibihugu hamwe n’amashirahamwe adaharanira ivyicaro vya poritike atarungitse indorerezi z’amatora, vyerekana ko badashigikiye ayo matora kubw’abo yaranzwe n’utunenge twinshi.

Muri iryo kete, ishirahamwe OLUCOME rimenyesha umufasha w’umuhuza, ko kuba amatora yo kwemeza canke guhakana ibwirizwa nshingiro atashigikiwe n’abari basanzwe bafasha Uburundi, bishobora gutuma n’izindi mfashanyo zihagarikwa mu gihe zashika ibice 30 kw’ijana vy’amafaranga Reta ikoresha, abarundi bakabandanya baja mu bukene butagira izina.

JPEG - 83.4 ko
Gabriel RUFYIRI, umukuru w’ishirahamwe OLUCOME

Ishirahamwe OLUCOME rigahamagarira abahagarariye amasezerano ya Arusha, gufasha kugira hatunganywe ibiganiro mu maguru masha, kugira ibintu ntibibandanye vyunyuka mu bijanye n’ubutunzi, nayo uwokwanka kwitaba ibiganiro agafatirwa ingingo zikomeye.


MUGISHA Van Naris

Messages

  • Mbe olicom akazi kayo nukugaya gusa ?! Sindumva aho bashima ivyakozwe burigihe numva ijambo <kunegura>

  • @Eli, wewe btiwumvuse kwicipfuzociwe kwaruko nginimfashanyo yobihabwa uburundi yobishika 30% boyihagarika abayitanga mugihe bomukundira !!!

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.