Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
ONELOP-BURUNDI yagiriza ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Buraya kugira aho (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Poritike > ONELOP-BURUNDI yagiriza ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Buraya kugira aho (...)

ONELOP-BURUNDI yagiriza ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Buraya kugira aho rihengamiye

samedi 28 Nzero 2017, par Jean de Dieu M.

Umukuru w’ishirahamwe ONELOP-Burundi amenyesha ko ingingo ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Buraya ryafatiye Uburundi hamwe n’ivyo iryo shirahamwe ryagiriza Uburundi bidafise ishingiro ,kuko Uburundi bwubahirije amasezerano ya Cotonou.

Mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru kuri uno wa gatanu igenekerezo rya 27 Nzero umwaka wa 2017,Gilbert Becaud NJANGWA amenyesha ko Uburundi bwatunganije amatora arimwo abarundi bose,kandi ko amaradiyo yari yugawe yuguruwe,habaye kandi irekurwa ry’abapfungiwe ivya politike n’ibindi vyakozwe mu ntumbero yo kwubahiriza amasezerano ya Cotonou.

Gilbert Becaud NJANGWA arongoye ishirahamwe ONELOP-BURUNDI,amenyesha ko ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Buraya rifata inging zifise aho zihengamiye kandi ritisunga utwigoro twa Reta.

Ku bijanye n’abasirikare b’abarundi bari mu gihugu ca Somaliya mu gikorwa co gufasha kugarukana amahoro,umukuru w’ishirahamwe ONELOPE-BURUNDI amenyesha ko ashigikiye ingingo ya Reta yo kwitwara no gukura abasirikare b’abarundi mu gihugu ca Somaliya,mu gihe batoronswa imishahara yabo.

Gilbert Becaud NJANGWA yagiriza ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Buraya gushigikira urunani rw’imigambwe itavugarumwe na Reta CNARED hamwe n’abashatse gutembagaza ubutegetsi,kuko iryo shirahamwe risaba ibiganiro birimwo CNARED n’abashatse gutembagaza ubutegetsi,kandi Reta itabemera.


IGIHE

Messages

  • BENABOBANTU BAMABAGOMBAGUTERANYA ABAVUKANA BARAKWIYEGUSEZEREGWA ABAGWANYUBUTEGETSI IYOBAKOJAMAKOSHANIBABEBEMERAMAKOSA

  • Wewe Njangwa itonde sha,barakumesa mu minsi iza

  • Ariko sha wewe Darius Ikurakure, kumwishimira kwica kandi namwe mutazomara imya 200 ngonuko mwamaze mwica abakunzi ba reta yu Burundi?

  • Izina niryo muntu NJANGWA ! burya muzohinyuka mwese dusigare tubarwiza nubusa, kuko icomujejwe nugukora munkovu abayagihugu gusa! iyomuvuga yuko ivyaba nyaburayi bavuga canke bashikiriza kwarikiryoma, bicabinyereka yuko abotwari tuzi kwarincabwenge, basigaye basubwa nuwutegeze ahonyora ikirenge mwishure! ukwo nugutukisha abize. Ubona iyo muba mwavuga ivyabanyagihugu batazi, twosasiriye ngoturafise abantu bukuri, none ibiba vyose biba izuba ryaka, ivyo tutotahura nivyobere mukuzimu. Ibisiga ukwonukwimaramaza, kubuvuga yuko abanyaburayi koboba bahengamiye kuruhande rwabanye Poritike bagize CNARED, burya abazungu bumviriza uwuvugukuri, iyutavugukuri ntimujana, bamwe tusazwe tubazi twarakoranye ngaha muburundi canke hanze yigihugu. Kuvyo bavuga barabizi kwarikobiri, ntacowobabeshamwo, burya ivyahano babikurikirana ijoro numurango, uvuze kwamahoro ariyose ibiba basazwe babibona, bagukurako kwicizere ningoga, njanye upfume wemera kufise amakosa.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.