Accueil > Amakuru > Mu makungu > ONU : Antonio GUTERRES asaba Amerika kutava mu masezerano ya (...)
ONU : Antonio GUTERRES asaba Amerika kutava mu masezerano ya Iran
jeudi 3 mai 2018
Amakuru dukesha iradiyo BBC, amenyesha ko umunyamabanga mukuru wa ONU,Antonio GUTERRES, yavuze ko nimba ayo maserenano yashizweko umukono mu mwaka wa 2015 atokurikizwa mu gihe hoboneka iyindi nzira yokoreshwa kugira umuti w’ico kibazo c’ibirwanisho ruhonyanganda mu gihugu ca Iran utowe.
Umukuru w’igihugu wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika, Donald TRUMP, aheruka gushikiriza ko ayo masezerano arimwo amahinyu, akaba ategekanya gushikiriza ingingo yiwe ya nyuma yaho ahagaze mu minsi iri imbere.
Ibiri mur’ayo masezerano bijanye no guhagarika burundu ikorwa ry’ivyo birwanisho muri Iran,gukura ibihano mpuzamakangu Iran yafatiwe hamwe no gushobora kugenzura ivyo bikorwa.
Amasezerano ajanye no gukora ibirwanisho ruhonyanganda mu gihugu ca Iran yateweko umukono kw’igenekerezo rya 14 Mukakaro 2015 i Vienne mu gihugu ca Autriche, hagati y’ico gihugu n’ibihugu 6 rutura kw’isi arivyo Ubwongereza,Ubufaransa,Ubushinwa,Uburusiya,Amerika hamwe nigihugu c’Ubudagi.
BIKORIMANA Vianney