Accueil > Amakuru > ishirahamwe > ONU imenyesha ko inzara ibangamiye amamiliyoni y’abantu ku mugabane wa (...)
ONU imenyesha ko inzara ibangamiye amamiliyoni y’abantu ku mugabane wa Afrika
samedi 25 Ruhuhuma 2017
Ishirahamwe mpuzamakungu ONU rimenyesha ko ikiza c’inzara kibangamiye abantu baharurwa mu mamiliyoni mu bice nka vyose vy’umugabane wa Afrika.
Nkuko biri mu cegeranyo c’ishirahamwe mpuzamakungun ONU, muri uyu mwaka inzara irageramiye umugabane wa Afrika ku buryo budasanzwe, aho igihugu ca Sudani y’Ubumanuko gishirwa mu biza imbere.
Abahinga bavuga ko imvo nyamukuru ituma haba inzara, ari intambara, ariko uruzuba rwibonekeza mu bice bitandukanye rukaza rwunyura mu gutuma haba ibiazo bikomeye vy’inzara.
Ishirahamwe mpuzamakungu ryitaho abana UNICEF rigabisha ko abana umuliyoni n’amajana ane bashobora gupfa bahitanywe n’inzara mu bihugu vya Nijeriya, Sudani yo mu y’Ubumanuko, Somaliya na Yemeni.
IGIHE
Messages
25 Ruhuhuma 2017, 12:27, par Gasabo
Nibatabare murwanda inzara yitwa Nzaramba yatumaze. Njye ngiye kwigira Uganda gushakisha imibereho.
25 Ruhuhuma 2017, 13:17, par Nkdn
Abirirwa Barahoha Nguburundi Ko Butavvzwe Ngo Nabayobozi Babi Sivyo Ni Muze Dusenge Imana Niyo Ikuraho Ivyago Nkivyo Dutange Ibigira Cumi Na Mashikanwa Murabe Ko Bitazohinduka Twarariye Itari Rwacu Soma Malaki 3;10-15
25 Ruhuhuma 2017, 19:39, par Kajagari
Karinkwira bagabo! Je nagira ni muburundi gusa.
25 Ruhuhuma 2017, 23:24, par Nshimirimana Dieudonn
Nibihagane Natwe Urumbura Rwaraguye Muburundi Ni Muri Gitega Com.Giheta Izone Kiriba