Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
ONU isabwa guhindura abakozi bayo bakorera mu Burundi - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > ONU isabwa guhindura abakozi bayo bakorera mu Burundi

ONU isabwa guhindura abakozi bayo bakorera mu Burundi

vendredi 10 Ntwarante 2017, par Egide NDUWIMANA

Gaston SINDIMWO, icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu c’Uburundi asanga ishirahamwe mpuzamakungu ONU ryari rikwiye guhindura abakozi baryo barikorera mu Burundi, kuko bagirizwa ko bahengamye.

Icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu c’Uburundi yagiriza abakorera ONU mu Burundi ko bumviriza gusa ivyo babwiwe n’abatavuga rumwe na Reta, bakama bashaka kwerekana ko ibintu vyayangaye mu Burundi, agasaba ko abo bakozi ONU ibimurira mu bindi bihugu nk’uko isanzwe ibigenza, hakaza abandi bashasha.

Gaston Sindimwo avuga ko ico ciyumviro yakiganiriye n’abanyagihugu, aho yari aramutse agendera impunzi zo hagati mu gihugu c’Uburundi.

Reta y’Uburundi ibandanya gusaba isubirizwa rya Jamal Benomar, intumwa idasanzwe y’umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe mpuzamakungu, ajejwe gukemura amatati mu karere Uburundi buherereyemwo.

Mw’ikete Albert SHINGIRO aserukira Uburundi muri ONU yandikiye Antonio Guterres umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe mpuzamakungu ONU, yamwibukije ko umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA yari yarandikiye uwo Guterres yasubiriye, amusaba isubirizwa rya Jamal Benomar. Reta y’Uburundi isaba rero uwo yasubiririye Ban Ki Moon ko yokorana n’Uburundi kugira ivyo vyasabwe bishirwe mu ngiro mu kiringo ca vuba, impande zompi zibanje kwumvikana, mu ntumbero y’ukubandanya imigenderanire hagati y’Uburundi n’ubuserukizi buri i Bujumbura, bw’intumwa idasanzwe y’umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe mpuzamakungu, ajejwe gukemura amatati mu karere Uburundi buherereyemwo.

IGIHE

Messages

  • None Gaston ashaka UN workers babasubirize n’imbonerakure!!! Ukwo n’uguta umutwe noneho afise namuto murundi biratahuritse!!! Arahumba bazoguma ngaho ukwo nyene, umujinya wiwe umumare be na Sebuja!!!

  • Aka ni akamaramaza kuri Gaston Sindimwo ageze aho ahitiramwo UN abakozi?nkeka azoshirayo ibibondo y’ivyariye,wataye umutwe sha,courage UN bandanya mudufyondera ibi binywamaraso,bravo UN

  • ahubwo izoningaruka mbi ziterwa nuko ONU yakomeje kurabira ikanka gukoresha ingingo zose irekurukwa namategeko muguhagarika izo nkorabara ubwo n ubutumwa akokarwi kabicanyi kariko gaha ONU ngo yikebuke

  • Muraho neza Banyarwanda namwe Barundi ? mukuri ge nkunda gutanga I mpanuro kandi ntashingiye ku maranga mutima . Mukuri kuva Kera ABanyarwanda n’Abarundi n’abavandimwe icyo ntawagihindura ,Kandi umuturanyi ahuye n’ikibazo yaba umunyarwanda Cg umurundi baba bagomba gutabarana . Ariko ge Uko mbibona nsanga icyakoroha kubibazo by’uburundi nuko nsanga President Nkurunziza yagakwiye kugisha inama Umuyobozi w’u Rwanda HE Paul Kagame akamwereka Uko yakemuye ikibazo cy’abanyarwanda ubwo genocide yari imaze gukorerawa abatutsi kuko buriya mubuzima abantu tubayemo buri muntu agira impano ye mukuyobora ,ari nayo mpamvu ge nizera ko HE Kagame Paul ashobora kugira inama president Nkurunziza Icyo yakora mu guhuza abarundi nkuko byakozwe mu Rwanda aho usanga kugeza ubu abanyarwanda babanye mu Mahoro no murukundo aho usanga ubu abanyarwanda icyo ubu bashyize imbere ari ukubaka igihugu .kandi ndizera neza ko uburundi nabwo bwatekana mu mahoro . Ntago ari itegeko ahubwo ge nimpanuro ntanga kuko twese turi bamwe . Ikindi nakongeraho nuko mukuri kugisha inama subugwari ahubwo nabwo nubutwari . Kandi ndizera neza ntashidikanya ko He Paul Kagame inama yagira abarundi yazababera urwibutso rwiza kandi rwatanga amahoro mu burundi .kandi ndanahamya HE Paul Kagame atakanga kugira inama abaturanyi mugihe bamwiyambaje . Ntago yabyanga pe .mbifurije amahoro kuri mwese . Murakoze

  • @wakera Nyakabwa. Uri impyisi wa mwana wa maraya we.

  • Jewe abobagabo barantangaza cane, ivyo basaba bitagirumutwe namaguru! babaye nkawa mwana yahiye mukwaha, niwe ahobamukoze hose nukwanira. Nubwo hozabandi ukuri kwoba kwakundi nyene kuko boshikiriza kuvyo babona, jewe ivyo ndavyita nkugutumutwe.

  • Wewe wiyita Pierre Buyoya,warerewe hehe?biribonekeza ko uri Interahamwe, uzokubitwa n’inkuba itagira amazi,rindira gatoyi

  • Ariko iki gikwangari citwa WAKERA kimeze gute. Nabwenge kigira namba ni igishwi.

  • Abobakozi ba ONU nibabahindure kubera ivyobariye bemera ngobazohindura ubutegetsi baguma bizingitira ngobatobatobe igihugucacu ngobarabe koharicoboshikako ariko vyarabataye kuwamazi, nibabadukurireho baranduye gose nabokwankwa urunuka.

  • Wakera mumwihorere mumutwe ni igikwangari...

Un message, un commentaire ?

ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.