Accueil > Amakuru > Muri Afrika > ONU yagiriza Tanzaniya gukorana na Koreya ya ruguru
ONU yagiriza Tanzaniya gukorana na Koreya ya ruguru
samedi 16 Nyakanga 2017, par
Umushikiranganji w’imigenderanire ya Tanzaniya n’ayandi makungu, Augustine Mahiga, yamenyesheje ko naho hari imigenderanire hagati y’ivyo bihugu bibiri, kuva mu mwaka wa 2014 Tanzaniya yagabanije imigenderanire n’igihugu ca Koreya ya Ruguru, ariko akavuga ko ataco ivyo bihugu bipfa.
Umushikiranganji Augustine Mahiga agira ati : "Nta kibazo dufitaniye n’igihugu ca Koreya ya ruguru, kandi igikorwa co gukora ibigwanisho ruhonyanganda ca Koreya ya ruguru si ciza kuko nta gaciro bitanga kuri ino si".
- Augustine Mahiga, umushikiranganji w’imigenderanire ya Tanzaniya n’ayandi makungu
Umushikiranganji w’imigenderanire wa Tanzaniya yashikirije kandi ko imigenderanire y’urudandazwa na Korea ya ruguru yamyeho imbere yuko Koreya ya Ruguru ifatirwa ibihano.
Igisata c’umurwi mpuzamakungu kijejwe umutekano kw’isi camenyesheje ko kigiye gukora amatohoza ku gihugu ca Tanzaniya mu ntango z’uku kwezi kwa Nyakanga, aho bivugwa ko igihugu ca Tanzaniya cateye umukono ku masezerano ya gisirikare y’amadorari imiriyoni 12,5 n’igihugu ca Koreya ya Ruguru.
Vianney BIKORIMANA
Messages
17 Nyakanga 2017, 05:30, par Nsengiyumva Remy
Nivizuri ONU kufwatiya Tanzania.