Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Olivier NKURUNZIZA : "Umubanyi aguma ari umubanyi ntumuhindura" - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Poritike > Olivier NKURUNZIZA : "Umubanyi aguma ari umubanyi ntumuhindura"

Olivier NKURUNZIZA : "Umubanyi aguma ari umubanyi ntumuhindura"

lundi 24 Ndamukiza 2017, par Egide NDUWIMANA

Umugambwe UPRONA wipfuza ko mu nama izohuza abakuru b’ibihugu vya Afrika y’ubuseruko kw’igenekerezo rya 10 Rusama 2017 hova umwumvikano, kugira impande zose zegwa n’ibibazo vya poritike y’Uburundi zishobore kwitaba ibiganiro. Muri UPRONA bagasaba ko muri iyo nama bokwiga n’ikibazo c’amatati ari hagati y’Uburundi n’Urwanda.

"Twipfuza ko n’ikibazo c’imigenderanire y’Uburundi n’Urwanda bokiraba kuko iyo migenderanire ibaye myiza vyofasha. Umuntu yokwitorera umugenzi, ariko umubanyi aguma ari umubanyi ntumuhindura. Abakuru b’ibihugu muri iyo nama bobiganirako. Birashobora guteba, ariko ntakidashoboka abantu baganiriye", uko niko Olivier NKURUNZIZA yabishikiirje, mu kiganiro yagiranye n’ikinyamakuru IGIHE.

JPEG - 27.1 ko
Olivier NKURUNZIZA, Umunyamabanga mukuru w’umugambwe UPRONA

Reta y’ubumwe atari mfatakibanza

Muri bimwe mu bisabwa n’abatavuga rumwe n’ubutegetsi bw’umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA, n’uko hojaho Reta y’imfatakibanza. Mu mugambwe UPRONA bavuga ko badashigikiye ico ciyumviro, kuko giteye kubiri n’ivyo abanyagihugu batoye, muri uwo mugambwe bagashikiriza ko Reta y’imfatakibanza itandukanye n’ibwirizwa shingiro ry’Uburundi.

"Twebwe twiyumvira ko muri biganiro biriko biraba twovugana ivya Reta y’ubumwe atari mfatakibanza, bakaraba ko bohindura ingingo y’129 yemerera kuja muri Reta abataronse amajwi akwiye mu matora."

Umuhuza Benjamin MKAPA yamenyesheje ko yipfuza ko mu kwezi kwa Ruheshi uwu mwa w’2017, umwumvikano woba wamaze gushikwako hagati y’impande zitavuga rumwe kuri poritike y’Uburundi. Muri UPRONA basaba ko umuhuza yofata akanya gakwiye k’ugutora umuti w’ibibazo bihari.

"Igikuru c’uko yobohwa n’uko umwanya umujanye, ariko igihambaye n’uko hari icoshikwako."

Inama y’abakuru b’ibihugu vya Afrika y’ubuseruko izoba kw’igenekerezo rya 10 Rusama 2017. Uburundi bwaramaze kumenyesha ko buzokwitaba.


IGIHE

Messages

  • a hubwo muze munasabe ko nabafise yagamukama boshigwa murireta mutama.erega uwo atashoboye gushikana amajwi ntamigambi afitiye abanyagihugu.kandi gukina politic mutama ntabe ariyo nzira yokwironderera akazi.mugwize ahubwo imigambi yubuzi abanegihugu mubaronderere ubuzi not kurundanira murireta nkamasaka murusyo..plzz plz mutama ahomwahihendeye kweri.mkr

  • Nubundi ikibazo kiri hagati yabarundi ubwabo sico abanyarwanda ivyovyose vyatewe niyo ntumva Ngo Ni nkurunziza yagiyeguteranya abarundi Na banyarwanda kandi ingorane ariwe yaziteje ntakamaro ko guta umwanya muguhuza uburundi nu rwanda ahubwo nibahuze abarundi kuko ikibazo cuburundi gikemutse nicurwanda kizoba gikemutse igikuru nuko iyoreta yako karwi ka nkurunziza Na nkurunziza isenyurwa ntabindi

  • none abize yagamukama bo ntimu zo bavugira? muriko mushuhurira abantu kutarondera ubuzi.nokwiga imigambi yokuvyaza umwimbu ayomahera arimuriza bank.kugira nabatize babone akazi.abobadakwije amajwi ntantebe bohabwa murireta jewe nikoniyunvira uburundi bwaca buba campanie yimigabwe ntabateka imitwe yokurondera ubuzi nticoba arigihugu.

  • JEWE MENYA KO ,IYUMUNTU ASHAKA GUTERIBIHARAGE ABIGOSORA IBIHUBWE BIKAVAMWO KUKO NTAKAMARO BIFISE @ ABO BATAKWIJ’AMAJWI ABANYAGIHUGU BABONYE ko ATABURYO BWOGUTEGEKA IGIHUGU BAFISE ! NONE MUBARONDERERIBIBANZA NGO BAJE KUMARIKI MURI LETA?

  • Ikibazo kuki abantu mubona cane ibitameze neza kuko hatwara kumbure abo mwahora mwibazako muzokwama muhonyanga!??? Kuki hakiri ama Leta agizwe n,ama coup d,etat gukumira , n,ibindi kuki mutipfuza ko haja Leta z,imfatakibanza!!!!?

  • Erega rwose mwe abarundi mufise ukuri ikibazo kirahangaha iwacyu Rwanda,
    Uziko ubungubu nibamarakumva mutanze izogizo mpanuro ababategetsi bacu nabo ahokwifuza bokwiyegereza abategetsi bu Burundi ko bazagucya bishiramwongo mugire mu mucakire ngo nimba letayanyu itemeye ngwifukamire abategetsi bacyu!
    Abangaba natwe twarayobewe ukotwabahira ariko naraye mbonye ikigiye kubashobora vuba ahangaha.

  • Bantub’Imana naraye numiwe ahonumviyeko urwanda ngorwahisemwo kwigira ngonk’America ngoruzoze rurateza intambara mubihugu ngimaze ngwabantu bacebahungira mu rwanda ngobitume abanyarwanda baronka akazi!
    Ariko rwarihenzerwose kuko America ntikorera iryokosha ababanyi.
    None urwanda rwabikoreye ababanyi mumisi bigiye kurushira ahabi.

  • Gisaver Nsengiyumva Retakwizokwitaba Nivyiza ,arikoyibukako Itohirahira Ngoyicarane Nabashatse gutembagaza Ubutegetsi Aribonkweziyamarere Batumyetwinjira mubukene b utaira Izina Nakagame ntakibanzanagitoya Afise Mwiyonama

  • NJYEWE ICYONASHIMA NUKWO URWANDA RWABARIRWO RURI KUBISABA KUGIRA HABICYUKA CYIZA RUKANEMERA AMAKOSA AMWE MUYO RUSHINJWA.

  • @Muku ja kwivuza kwa le Gentil uratinyuka ngo u Rwanda rusabe kumvikana n’igihugu nkiki c’umwanda, cholera n’ubutegetsi butemewe n’amakungu!uri i interahamwe kandi tuzogufata tukwereke uko zambarwa

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.